Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburaya : Umugambi w’iterabwoba rya Al-Qaïda wateshejwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburaya : Umugambi w’iterabwoba rya Al-Qaïda wateshejwe

Uburaya : Umugambi w’iterabwoba rya Al-Qaïda wateshejwe

lundi 19 Myandagaro 2013

Igitigiri c’abapolisi benshi mu mabarabara acamwo za gari ya moshi ubu kiriko kiragabanuka nk’uko vyashikirijwe na Lois Maraite umuvugizi wa SNCB (Sociéte Nationale des Chemins de fer Belges) inyuma yaho kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu c’Ubudagi gishikiririje itegurwa ry’ibitero vy’umuhari wa Al-Qaïda ku bituro mpuzamakungu mu bihugu vya Buraya nka vyose.

Abategetsi b’Ubudagi bagumije akajisho kuri za gari ya moshi zinyaruka cane ziva muri ico gihugu zinjira mu bindi bihugu vya Buraya haraheze indwi zibiri, mu gukoresha abapolisi bamwe atamwambaro ubaranga baba bafise, eka bamwe bo mw’ibanga. Mu gihugu c’Ububirigi hoho, abapolisi kuva mu ntango z’uku kwezi kwa Myandagaro, hagumye uruja n’uruza rw’abapolisi ku bituro bikomakomeye, mu gihe inzego zose z’igihugu zari zarikanuye haba mu barongoye igihugu, abajejwe umutekano, n’abandi. Kuva kuri uyu wagatanu uheze, ibintu biriko birasubira mu buryo, abapolisi benshi bariko baragabanuka kuri ivyo bituro mpuzamakungu nk’uko bivurwa na Louis Maraite.

Nk’uko bishikirizwa na Bild ikinyamakuru co mu gihugu c’Ubudagi, intagondwa z’aba Al Qaida zogiye ziratega amabombe mu magari ya moshi canke abiyahuzi baturikirizayo amabombe muri izo gari ya moshi zinyaruka cane. Ico kinyamakuru kikaba cabikuye mu gisata kijejwe umutekano muri Leta zunzubumwe z’Amerika. Ico gisata kikaba giherutse gufata amajwi ya bamwe mu barongozi ba Al Qaida bariko baravugana haraheze indwi nke.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.