Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Uburimyi : Muri CNAC Murima w’Isangi barashimira Reta y’Uburundi
Uburimyi : Muri CNAC Murima w’Isangi barashimira Reta y’Uburundi
jeudi 2 Gitugutu 2014
Urunani mpuzamashirahamwe y’abarimyi b’ikawa, CNAC Murima w’Isangi, rufatikanije n’abo basanzwe bakorana hamwe n’ababafasha, rwashimiye Reta y’Uburundi ku kibanza abarimyi b’ikawa baronkejwe mu ngingo nshasha yafashwe muri ico gisata.
Mu nama yabaye uwu wa kane, uwutwara urunani mpuzamashirahamwe y’abarimyi b’ikawa CNAC Murima w’Isangi, Joseph Ntirabampa, yashimiye cane Reta y’Uburundi kubona yarashoboye kwumva ibibazo vy’abarimyi b’ikawa, bigatuma itunganywa ry’uko Reta yokura akarenge mu vyerekeye gutunganya igisata c’ikawa ritegurwa neza n’abarimyi b’ikawa bakahungukira.
Avuga ko abarimyi b’ikawa muri rusangi bakiriye neza iyo ngingo, kuko ije nk’inyishu ku bibazo abarimyi b’ikawa bari bafise, na cane cane ko umugambi wa mbere wo gushira igisata c’ikawa mu bikorera utwabo, wari wateguwe mu mwaka w’2008 na 2009, utaha ikibanza n’ijambo abarimyi kandi ntiwisunge inyungu zabo.
Ariko naho yashimye iyo ngingo izanye ihinduka rinini muri ico gisata, Joseph Ntirabampa yasavye Reta y’Uburundi kubandanya ibafasha mu guhimiriza no kubaronderera abafasha bazana imitahe yabo muri ico gisata c’uburimyi bw’igiterwa c’ikawa.
Uwaserukiye Reta y’Uburundi muri iyo nama, Léonidas Habonimana, komiseri mukuru wa SCEP (Service Chargé des Entreprises Publique), yashimiye muri rusangi abarimyi b’ikawa ko bashimiye Reta y’Uburundi inyuma yimyaka indwi basaba ko ibintu vyohinduka muri ico gisata. Agashima n’iyo ngingo nshasha kuko izotuma abarimyi b’ikawa bakomera bakaharonkera akarusho kanini, bigatuma n’ikawa igira akanovera. Agasaba abo barimyi gukomeza amashirahamwe yabo no kurwiza umwimbu.
Nadege Irakoze