Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uburongozi bw’ishirahamwe CEDEAO bwahawe umukuru w’igihugu ca (...)
Uburongozi bw’ishirahamwe CEDEAO bwahawe umukuru w’igihugu ca Liberiya
mardi 7 Ruheshi 2016, par
Umukuru w’igihugu ca Liberiya, Ellen Johnson Sirleaf, niwe yagenwe kurongora umuryango w’ubutunzi uhurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero, CEDEAO.
Ellen Johnson Sirleaf yamenyesheje ko azokomeza amahoro n’umutekano, ariko agasaba ibihugu vyo muri uwo muryango gukora vyivuye inyuma kugira barwanye iterabwoba ryibonekeza mu bihugu bitandukanye vya Afrika.
Umukuru w’igihugu Ellen Johnson Sirleaf agiye mu kibanza cahoramwo umukuru w’igihugu wa Sénégal Macky Sall.
Amatora yashizeho Ellen Johnson Sirleaf mu burongozi bwa CEDEAO yabereye mu nama y’iryo shirahamwe CEDEAO yabereye i Dakar ku murwa mukuru wa Sénégal mu mpera z’indwi twaraye dusozereye.
IGIHE