Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Nsekera yongewe ayandi mabanga mpuzamakungu
Lydia Nsekera yongewe ayandi mabanga mpuzamakungu
jeudi 3 Ndamukiza 2014
Uburongozi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino"Comité International Olympique" bwatoye umupfasoni Lydia Nsekera nk’umuyobozi w’urwego rw’abagore n’inkino bo muri iryo shirahamwe.
Ikiringo c’imyaka ane ( 4ans) nico umupfasoni Lydia Nsekera yahawe, aterwa iteka ryo gutorwa n’ubuyobozi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino, yahawe nk’umukuru w’urwego rw’abagore n’inkino bo muri iryo shirahamwe (Présidente de la Commission Femme et Sport). Yatowe kuri uwo wa kabiri w’igenekerezo rya 01 Ndamukiza.
Urwo rwego rwahora rurongowe n’umunyamerikakazi Anita de Franck, rukaba rwari rugizwe n’abagore nka Princesse Nora Liechtenstein na Haya Ali Hussein bava mu gihugu ca Emirats Arabe Unis hamwe na Nawal El Moutawakel ava muri Maroc. Harimwo n’abandi nk’umuganwa Feisal Al Hussein ava mu gihugu ca Jordanie, hamwe na Issa Hayatou arongoye ishirahamwe rya Afrika ry’umupira w’amaguru (CAF).
Mwomenya ko uwo mukenyezi Lydia Nsekera yari asanzwe afise n’ayandi mabanga, kuva mu mwaka w’2009. Yari mubagize urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino "Comité International Olympique". Kuva mu mwaka w’2013, ari mu rwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru (FIFA). Arongoye kandi urwego rw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose c’umwaka w’2014 kizohiganirwa abagore mw’ishirahamwe FIFA. Kuva mu mwaka w’2013, ari mu nzego zitegura inkino "Jeux Olympiques" zizobera i Tokyo mu mwaka w’2020.
Chérif Nkeshimana
Messages
3 Ndamukiza 2014, 16:45
NDAGUKEJECANE.SHISHIKARA UTERIMBERENKUMUZINGA.TURIFUZA KOMWOTORANYABAMWE MUBIGEME(ABAKENYEZI)BASHOBOYE URUKINOKANAKA,NABOBAGIRUMUGWI UKOMEYE NSERUKIRAGIHUGU.MURAKOZE.
4 Ndamukiza 2014, 16:55, par Kirinyota
Ndagukeje mupfasoni. Utere uja imbere muri sport yawe. Ngira aho Révérien ntiyokwipima basha.
5 Ndamukiza 2014, 11:37, par pasteur
Imanishimwe kumateka abarundi bahaye barashikako, bisigurako, tutabuze indongozi za abarundi, zishoboye, nukumenya igituma rero, nivyacu bindi tutobikoraneza? ababona kure, nibimenyetso, vyukukuzoba mubihe vyavuzwe, turindire twihangamye, abasenga basenge, nyenikirindi arimukazi. Dieu est au service. bitebe bitebuke abarundi bazoba mukibanza cabo
twizere imana yo itabesha. ndamukeje Mme Lydia, arafise ubushizi bwamamga, aratuje, kenshi yahagatiwe nabahanuzi babi,, ariko ntamvura idahita, azogaragaza ingabire ziwe zubukozi. imana ijimbere uburundi n, abarundi