Accueil > Ubutunzi > Uburundi bubandanya bworohereza abanyamitahe
Uburundi bubandanya bworohereza abanyamitahe
vendredi 18 Ndamukiza 2014
Uburundi bwarateye intambwe cane mu vyerekeye kworohereza abanyamitahe nk’uko vyamenyeshejwe mu bikorwa vyari vyatunganijwe n’ubushikiranganji bwo gufashanya hagati y’Uburundi n’ayandi makungu.
Mu gisata c’ukworohereza abanyamitahe, imigambi itari mike yaratunganijwe nk’uko Kabura Antoine asanzwe arongoye ikigo API (Agence burundaise pour la Promotion des Investissements ) kijejwe kworohereza abanyamitahe , imigambi imaze gukorwa yatwaye amafranga y’amarundi angana n’imirayiridi 900, bikaba vyatumye ubuzi (emplois) bushika 13 500 buboneka.
Ibisata bikundwa cane n’abanyamitahe biratandukanye bivanye n’uko uwo munyamutahe ari umurundi canke ari umunyamahanga. Hari igisata c’ingenzi, igisata c’ubudandaji muri rusangi , ubutare n’agataka, uburimyi , ubwubatsi, ubuhinga bwa none. kuva mu mwaka wa 2010 gushika muwa 2013, ibisata bitatu nivyo vyari bihurumbirwa cane kurusha ibindi. Igisata c’amahinguriro atwaye ibice 31 kw’ijana, Ingenzi ibice 17 kw’ijana hamwe n’ubuhinga bwa none bujanye n’ivyo gutumatumanako amakuru vyatwaye ibice 16 kw’ijana.
Ubuzi kandi bugera ku 13 452 nibwo bwashoboye gushirwaho n’abasanzwe barazanye imitahe yabo hano mu Burundi muri ubwo, buzi 28 kw’ijana n’ubwo mu gisata c’amahinguriro,19 kw ‘ijana ni mu gisata c’ingenzi, hamwe na 15 kw’ijana kw’ijana mu gisata c’amakariyeri hamwe n’ubutare. Izo mpinduka zose zatumye Uburundi buja mu bihugu cumi vya mbere vyakoze ibishoboka vyose kugira borohereze abarwizatunga kw’isi.
Floxella Karire
Messages
18 Ndamukiza 2014, 22:50, par Nibi
Ubunihohageze komucubwenge
asha namwemuzoheneka mukobazogaruka muhengereye base barahunze igihugu bajakudandariza mubihugubibanyi nonubu mwabuze bimwemuyora mutanguye kubahamagaza kandibayamababwira kwarya ma tax mubarihisha arumurengera muharira noneraba haruwogaruka ngahokongeraguhomvya utwomwashigaje namwe nimudandaze ivyobizumwubatse nayomiduga muheze mugirimitahe
19 Ndamukiza 2014, 10:08, par nwari
ntibagira nisoni barubahuka ngotwateje imbere iki niki!abadadaza babarundi bonyene bariko barahunga abasigaye nabo mubahanisha amategeko yo kubami,?13000 barose akazi kuva2010 ariko murashobora kuvuga mumyaka 4 ko mwateye imbere ntasoni mukeneye bazamureke sentare zikore,police,amakori,bitegigwe neza murabe ko abantu batazana umututahe .ariko murashobora gukoresha 900 miriyadi hakaboneka 13000 zabakozi?!! DD genda muri ncabwege peeee