IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bugiye gufatirwa ingingo n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko

Uburundi bugiye gufatirwa ingingo n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko

lundi 8 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu rugendo yagize ku mukuru w’umurwi ushinga amategeko mu nama nkenguzamateka y’Urwanda, Daniel KIDEGA, umukuru w’umurwi ushinga amategeko y’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, yamenyesheje ko inama nshingamateka y’uwo muryango yumvise ko habayeho kubangamira uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu ku mupaka w’Uburundi n’Urwanda, amenyesha ko hari ivyo bagiye gukora kugira hafatwe ingingo zifadika.

Daniel KIDEGA avuga ko inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko izokora amatohoza kw’ihonyangwa ry’uburenganzira rw’abantu n’ibintu ryibonekeza ku ruhande rw’umupaka Uburundi buhana n’Urwanda.

"Hategerezwa kubaho uruja n’uruza rw’abantu n’ibicuruzwa, kandi nico catumye tuja hamwe. Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko igiye kubikorerako iperereza, irondere ibimenyetso, mu nyuma ifate ingingo zizoshikirizwa inama y’abashikiranganji. Ntidushobora na rimwe kwaka abanyagihugu bacu uburenganzira bw’ukugenderanira."

JPEG - 24.8 ko
Daniel KIDEGA

Umuryango wa Afrika y’ubuseruko igizwe n’ibihugu bitandatu arivyo Uburundi, Urwanda, Tanzania, Uganda, Kenya, hamwe na Sudani y’Epfo imaze igihe gito yakiriwe muri uwo muryango. Ivyo bihugu vyose vyemeranyije amasezerano yo guhurira kw’isoko imwe rusangi, ibituma habaho uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu hagati y’abanyagihugu b’ibihugu bigize uwo muryango. Igihugu c’Uburundi naco kikaba giheruka kwankira abanyagihugu baco kwinjiza mu Rwanda bimwe mu vyimburwa vyabo, n’imiduga rusangi yunguruza abantu bava n’abaja mu Rwanda nayo ikaba iheruka kwankirwa kujabuka imbibe Uburundi buhana n’Urwanda.


IGIHE

Messages

  • Mbe aho muri afurika y’ubuseruko biremewe ko igihugu kimwe gicumbikira abansi bikindi gihugu?? akaba ari uko none Nkurunziza ko yatevye guhamagara abatavuga rumwe bose na Kagame ngo abahe indaro? bitegurire gutembagaza intwaro ya Kagome???? murarabe neza uwo mutago ntuzohave uba nkawa mutego mutindi???? Uje kurega basange ari wowe wareze bazohava bafatira ibihano????

  • Wewe ntukomeye neza aho uburundi bwasemerereye kurwanda rufasha abashaka gutera uburundi kwataco wavuze none urakenyeye utubwire ko uburundi bworeka urwanda rukaguma bwinjiza abarwanyi baciye kumupaka

  • Yewe nze Ndora Ewe gahugu kacuuu urononwe na B a Nyamitwe na Ba Bunyoni na ba Nyabenda na bandi nabandiiii Ariko Harabuze umuntu yokwegera Nkuru na Cane Cane Nyina na Muhungu wiwe bamuhanure Kuko uyo mugabo Nkuru ndamwibutse kera yari umuntu atahura muga kukwaguka kubera Inyaga ubu namatwi yarugayeeee Nze Ndabe iyo Birora Ikimbabaje Nuko Hafsa yaTAshe ahejeje kumuhanura mUrererweeeeee

  • Yemwe yemwe ivyo bihano bibazako kuco abenegihugu biyemeje ko kizosubirinyuma? murahumba imana yaremye uburundi iracariho kandi igihugu cacu ntamunyamahanga azongera kugicura bufuni na buhoro dusenga dukora dukora dusenga mutama wacu Nkurunziza turaziko ariwe mukeneye ariko nimucire birarura

  • uruja n’uruza ni sawa!ubu rero kwari uburundi bwahagaritse mugira muhaguruke?mbe ko mutarahaguruka mu kwiyamiriza urwanda rutera uburundi?canke rubika rukongera rukanatoza abatera uburundi?kagame niyimenye nakare ngwarikwije!!bakumbuye utudagala twacu?nabado!!!tuzokorana nabandi,urwanda rwarashatse kutwinjirira nuko basanze rutitaha,Uburundi si congo!!!

  • Nakama ro ko kwugar imipaka ngo nuko har aba za guter uburundi ni bugururire nab interahamwe zinjire mugwanda hama kibe kimwe kukindi

  • HAHAHA ARIKO BKURUNZIZA NTIYIBUKA KO IYO TABABA URWANDA UBURUNDI BUTARI NO KUJYA MURI EAST AFRICA NTIYIBUKA KO ARI KAGAME WATANGIYE UBURUNDI 1000000 $ UBURUNDI NI NYAMWANGIYO BYAVUYE NI BABAFATIRE IBIHANO CYANGWA BABIRUKANE

  • Jewe ndabonako wamugambi uterujimbere mumubano wibihugu byacu kuko habonetse impamvu yuko east africa ivuga cyangwa igakora amatohoza,ubundi yarihe?? Erega na Ester ntiyashotse avugububi bwa Hamani !!! Oyaaa ariko byarikoze yisanga ibyari gukundwakara byamuviriyemo gusanga yifatishije. Barundi guma kumavi gusa musenga mukora ibyiza birimbere. Mwirindikibi cyose nogushyotorana mutegereze utangira kubinjirira azibonereho-mugirubwenge nahomutabubuze mubugwizeho ×7 ndabarahiye muzashyima IMANA kubabyemera nabatabyemera nirangiza kwigaragaza!! Na benewacu babanyarwanda nabo nuko kuko nabone ntiborohewe imitima ntirihamwe.mubabagabo mubumwe muhuzumutima IMANA nayo izakorana namwe-nihubahirizwe uburundi nimbibezabwo (nkumutima wa Africa)kaze yabivuzeneza inzira z Imana ninyishi kandi uwihutira kwitwara wagirango niwari mukuri arikwagezimbere yabacamanza nibwo abimenya utazubwengenawe ashimubwe!!!

  • none ko nagira uburundi bazobukumira muri EAC none bukaba butanguye gukumira abandi aribwo.

  • Mbe Komuvugayamuhe Murimwebwe Ninde Atugariwe Ahumuntu Yavugiye Kugwanda Ruduhanze Mugahora Ubumuravyutse Uwankwa Niwakura ,

  • Ubundi se ko uburundi butishyuraga imisanzu (amakodi) ya EAC, ntampamvu yo kubahamisha muri uyu muryango ntacyo bawinjizamo.

  • Cnddfdd est un parti des fous dirigés par pyschopate.

  • Njye narabahanuye ko abategetsi babarundi ari injuji muri diplomacy na politike muranseka! U Rwanda ntanarimwe ruzigera ruterana amagambo rwose nabategetsi babarundi kko burya ujya mu kibuga nuwo munganya imirya!!!! Ahubwo abayobozi bu Rwanda bazubahiriza amategeko na diplomacy bigenga Umuryango wa afurika yuburasirazuba . Buretse babirukane mu muryango maze ibintu byose mwinjizaga I Burundi bivuye muri uwo muryango bitangire gusorerwa maze nzarebe ko abo birirwa baduhira ataribo bazahangayika kdi nicyo nabategetsi banyu bashaka kko ntahandi bateganya amafaranga baragurango mwizirike umukanda musore ubundi babateranye na EACE babereke ko ariyo ibanga kandi aribo bikururiye ibihano. Naho izo ndagara numvise muri kurata na tanzaniya irazifite tuzarya izivayo nubundi iziwanyu ntizari zikiboneka kubera konona ubutunzi nka tanganyika muyimenamo imyanda namasabuni.

  • none kurwanda rwikwije rurondera iki kuburundi nagira shimire reta kungingo yafashe yo kugara ibifungurwa amahera yacu yaciye aduga kuko ubu ufise amahera make urasuma indagara twabonye ko zahora zija rwanda naho ivyo vyibihano ko hatanguye tanzaniya ko ntabihano yafatiwe nutwacu bashakakutuziza nibagumane uutwabo atarabo biccanyi baguma barungika tuzobah biraboneka kurwanda arirwo rwishe abarundi kunyungu zarwo ahubwo urwanda nirwo rukwiye ibihano aho uburundi bwatakambiye bwerekana amabi urwanda ruriko rukorera uburundi ko mutavyumva abarundi tuzirwanako kiretse mutumaze ngo dusangiye umuryango muraga puuuuu ntarukundo mukunda abarundu kuko abategetsi ibihano ntibibafata bifata abeene gihugu nitwe mwishe ariko IMANA iratubona

  • DANIYERI UBURERO UGONBA UJEHAMWE NUGWANDA MUTERA UBURU UBABAJWE NUKO INKOZIKIBI ZITARIKO ZINJIRAMUBUNDI INABIMWIFURIZA ABARUNDINABARUNDI MWAKEREGEZAMWAREKA TWEBWE ABANYAGIHUGU TUZOGUMADUSENGA MUZOMUDASUNBA IMANA MURINKIZIZIKIBIMUBANDI AHOMWAHEREYE GEZA ABARUNDI ABANSIBACUTWARABAMENYE NUGWANDA HAMWE NAMWE MUKOKEZA

  • Aba DD NTANUMWE AKOMEYE MUBITWEEE BAZI UBUSUMA NUBUSAMBANYI NUKWOYEMERA GUSAAAA NIBUTSE AYO MWAMA MUVUGIRA MU NAMA NSHINGAMATEKA NDABASEKAAAAA TURIKUMWE TUTARIKUMWE FNL IZOKWAMA IBARYA INAMBA MWA BICANYI BA BA DD

  • Nukuraba Abantu Ko Boguma Bagenderanira

  • mbega ko ntandwi 3ziheze tanzania ifashe ingingo yo kwankira abene gihugu bayo gushorera ibirimwa vyabo mubihugu bihana imbibe nuburundi burimwo ko batayifatiye ibihano ivyo vyose nabanyarwanda babifuruguta yamara ifu yimijira

  • Jewe Mbonako Uburundi Bworeka Abanyagihugu Bakicururiza Ivyobafpa Nugwanda Sivyobozira

  • Uburundi burikwije Peter azokoresha amahera inzanyi yiwe

  • Baribakwiye Kumvikana Bagasubizahamwe Kuko Umubanyi Niwe Muryango Kandi Guhenera Umubanyi Sugufutura

  • AHUBWOSIÑZICO MWARI MURINDIRIYE KUKI MUBURUND MUGUMA MURYANA?UBUNTASONIMUGIRA?HA BUCEKABIRI TUBIRABE .

  • bayaze neza arik haribamw...!

  • KUVYEREKEYE AFRICA Y,UBUSERUKO UMUNYAGIHUGU MUTOMUTO YO KWITURAHEHE KUGIRA ARONKE IMPAPURO ZIMWEMERERA MWIVYO BIHUGU?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.