Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi burahimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela
Uburundi burahimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela
vendredi 18 Mukakaro 2014
Isi nzima irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe Nelson Mandela, kuri uno wa 18 Mukakaro umunsi uhura n’italiki y’amavuko yiwe.
Mu gisagara ca Bujumbura ,ibikorwa bitandukanye vyo kwibuka uwo muhisi Nelson Mandela biza kubera mu kigo c’urwaruka ca kamenge . Ikigo BNUB hamwe n’ubuserukizi bwa Republika y’Epfo mu Burundi baza kwifatikanya hamwe n’Uburundi mu kwibuka uwo muhisi, amezi make gusa inyuma y’urupfu rwiwe.
Nelson Mandela akaba yamaze imyaka 67 ariko yitangira abandi ,ari umushingwamanza adasanzwe mu vy’amategeko. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikaba ryifatanya n’ikigo ca Nelson Mandela risaba isi nzima gufata iminota 67 yo kwibuka imyaka 67 yamaze ariko afasha abandi , mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi wamugenewe.
Nelson Rolihalahla Mandela ,izina Ry’ubuhizi Madiba ,yavutse kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro 1918 i Mvezo ,yitavye imana igenekerezo rya 5 Kigarama umwaka w’2013 i Johannesbourg . Nelson Mandela yarongoye abagore batatu, Graca Machel babana kuva mu mwaka w’1998 gushika umwaka w’2013 , Winnie Mandela kuva mu mwaka w’1958 gushika mu mwaka w’1996 hamwe na Evelyn Ntoko kuva mu mwaka w’1944 gushika mu mwaka w’1958.
Nelson Mandela yibarutse abana batanu Makaziwe Mandela , Zenani Mandela , Makgatho Mandela , Madiba Thembekile Mandela, Zindziswa Mandela. Uwo muhisi Mandela akaba yaranditse n’ibitabu bitari bike vyiyamiriza intwaro ya karyanisha miryango.
Floxella Karire
Messages
19 Mukakaro 2014, 04:58, par Mama
Nelson Madiba Mandela, niwisinzirire ahuruhukiye warindanga nyandanga, warerekanye mugihugucawe ko urukundo rutuma abaribarononekaye berade’ nkavyibukira ahofunguriwe ukaramutswa igihugu abaribarakurementanirije niwigeze ubifuriza kubasubiriza munkoko ahubwowababwiye uti nimuze twubake igihugu cacu twahawe n’Imana twebwe abirabure nabazungu, nunomusi ugeze muri SAfrica harihigihe wibazako atarimugihugu comuri Africa kubera abenegihugu baco aribo abirabure nabazungu bavuguse umuti wubumwe bawuvyaza iterambere, natwerero abarundi yarawudusigiye niwoturimwo kandiningobwa dukomeze kujimbere. Nelson Madiba Mandela isinzirire ahowiryamiye warindanga.