IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Uburundi burashobora kugira ingorane Karyenda itagarukanwe

Uburundi burashobora kugira ingorane Karyenda itagarukanwe

lundi 30 Ruheshi 2014

Ishirahamwe ryiyemeje guteza imbere akaranga n’ibikorwamvabwenge "PICA-Umurundi" ririko riharanira kugarukana bimwe mu bintu ndangakaranga Uburundi bwari bwubakiyeko aho hambere hahise. Ivyo navyo bivugwa ko biri mu gihugu c’Ububirigi.

JPEG - 1.1 Mo
Albert Dushime aserukira PICA-Umurundi yambaye impuzu y’igiti

Ikiganiro ku bamenyeshamakuru categuwe n’ishirahamwe PICA-Umurundi (Promotion Interieure de la Culture et d’Art), cari gifise intumbero yo kumenyesha Abarundi ko banyazwe itunga rikomeye igihugu cari cubakiyeko. Iryo tunga ni ingoma Karyenda yavuzwa ku munsi w’umuganuro.

Dushime Albert avuga ko igihe Abakoroni b’Ababirigi batera Uburundi bagiye batwaye ingoma y’Ubwami bw’Uburundi Karyenda. Nk’uko Albert abivuga, Karyenda niyo yari itunze Uburundi ikanabukingira ingorane zose zashobora kubushikira. Kuva aho ababirigi bayitwariye, Uburundi bwagiye buhura n’ivyago bitandukanye. Uwo aserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko, yerekanye kandi zimwe mu ngorane zashikiye Uburundi, ko bushobora kandi gushikirwa n’ingorane kubera butagikingiwe n’ingoma y’ibwami.

Albert amenyesha ko naho ingendo yo kugarura Karyenda itoroshe, batarota bahesha gushika itashe mu Burundi. Aha avuga ko bandikiye umukuru w’igihgu c’Uburundi ariko ata nyishu baronse. Kuri uwo munsi w’ikiganiro kuw’Imana, iryo shirahamwe ryandikiye ubuserukizi bw’ingoma y’Ububirigi mu Burundi. Iruhande ya Karyenda, iryo shirahamwe risaba indishi ku nka 424 ababirigi banyaze Umwami ngo n’uko yatsinzwe ku rugamba kandi yariko yivuna umwansi. Urwo rwandiko ruriko ibintu 10 iryo shirahamwe risaba ingoma y’Ububirigi.

Albert avuga ko batarota bareka gusaba igarukanwa rya karyenda kuko Uburundi burashobora kugira ingorane kubera bwanyazwe inkingi yari ikingiye igihugu c’Uburundi.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ingorane kubera karyenda, hahahaaaa so funny!

  • Nivyo buri gihugu gifise ingoma,imana n’umwami none rero ingoma y’uburundi namba yaranyazwe igarukanwe asangwa hari ubushobozi bwo kuyigarura.Mpora numva ngu utaye akaranga ngo aba ataye akabanga gerageza rero mufashe uwo murwi ukurikirana iyo ngoma kuko icavuga kirumvikana kubajejwe akaranga n’umuco w’igihugu.Bitaruko emera imicokama y’amahanga yiganze,izobatsinda kuko bo bazoyibazanamwo ifise ubushobozi kuk6 imana zabo zizoba zishigikiwe mumabwirizwa yazo.ivyo binaniranye hari uwundi muti nzowuvugahanyuma mpawe akanya

  • Barundi nimba karyenda cari ikigirwamana c’Abarundi,murabitubwira,tubimenye,twe twari tuziko Imana y’Abarundi yari Kiranga,gusa nivyo gukomoza utwawe,mugihe ubirekurirwa n’Amategeko.

  • So our people were weak and surrendered and Karyenda was given to the Belgians in order for us to be independent? Our country became independent in 1962. At that time, Mwambutsa was still the King. Ntare V took power in 1966. So all those years, Karyenda was not in Burundi?

  • Uburundi bwaramaze kugira ingorane kuva kera, ariko biratangaje kubona ko abarundi benshi nkamwe batarabibona. Uburundi bumeze nk’inzu yubakiwe ku musenyi canke nk’igiti gisigranye umuzi umwe , iyindi yose yaraciwe.Kuva intwaro ya Cami ikombowe , igihugu nivyo kigenda gitera imbere buhorobuhoro ariko abarundi twarataye akaranga , ubu twishakira kubaho nk’abazungu kubabishoboye , abatabishoboye nabo buzuye agahinda kuko ata kazoza keza babona. Intwaro yarahindutse kuko abatware batagitwarira bose nka kera ku ntwaro ya cami.Tutagarutse ku muco wo gukunda igihugu , wa muco wigisha RWAGASORE , wa muco wigisha abami b’Uburundi nka NTARE RUSHATSI ( ariwe RUFUKU rwafukuye Uburundi uwacuze isuka (invanteur de la houe ) akayihereza abarundi bakiga kurima bari babeshejweho no guhiga no kwamura ivyamwa vy’ishamba) , RUFUKU yiyumviriye ubwa mbere ko ata Gihugu cobaho kitagira intahe kandi ko iyo ntahe itegerezwa kuba hejuru y’ubutegetsi bw’igihugu (d’où le mot SENTARE = se wa NTARE ) kanatsinda ni abashingantahe bimitse NTARE RUSHATSI ari naco gituma yubashe ibanga ryabo ryo gutanganiriza Abarundi mu kuryita SENTARE ( N’ukuvuga ibanga riri hejuru y’iry’umwami NTARE) , n’abandi bami bahambaye nk’a NTARE RUGAMBA uwaguye Uburundi akabuha imbibe zabwo kubera ubutwari n’umutima wo gukunda igihugu , incabwenge ikomeye mu vya politique no mu vya Gisirikare .Mbe yoba agereranywa na nde muri iki gihugu c’uburundi ? Uwoba arongerako n’i sentimetero imwe ku Burundi ni nde ? Ko BUGUFI yagiye ni nde murundi azoyigarukana ? Ko igice kinini c’uburundi cashizwe kuri R D Congo ni nde murundi yiteguriye kukigaruza mu kwitanga nka NTARE RUGAMBA? Ko uburundi hageze aho tugurishirizwa ivyacu tutabizi ( ex.NIKEL de Musongati) ni nde azotugarukira hakagera aho tugira ijambo mu gihugu cacu ? Mu bisanzwe Nickel nityogurishwa hatabaye accord y’abarundi bose bo bene Gihugu ! Ni babanze batubaze banadusigurire uko ubutunzi buzovamwo buzodufasha kuva mu bworo turimwo? Atari uko abadutwara boba boba bataniye he na ba RUMARIZA hamwe n’Abadagi n’Ababirigi baje bazi ko rwitaha bagasanga Uburundi bw’ico gihe buri mu bihugu bihambaye kw’isi
    nzima mw’itunganywa rya politique na Gisirikare .Ico gihe basanze Umwami MWEZI Gisbo fils de NTARE RUGAMBA yararonse ubutwari budasanzwe yarazwe na se .Mwezi Gisabo yaragwanije abo banyamahanga bimwe bkikomeye gushika aho RUMARIZA ata akomoka yari azi ko rwitaha i BURUNDI.Abadagi murabegra mubabaze muti tubwire ubukomezi n’ubuhinga mwasanganye Mwezi Gisabo!Yarabarwanije pendant 6 ans ata kinesha ikindi kandi bo bakoresha vya muzinga.HU! ubwo butwari bw’abarundi bwanyikiyehe? Urambariza uzompa inyishu.

  • Ndashimiye iryo shirahamwe ry’abo bana bariko bariyumvira ivyo guhabuza itunga kama n’imico y’Uburundi. Ariko ico bomenya n’uko Karyenda itatwawe n’ababirigi kuko ata burenganzira bari bayifiseko. Ikigoye ni kumenya aho iri, kumbure abarundi nivyagaragara ko bayikeneye koko bazoyibona kuko yagumanye abari bayijejwe nivyo niyumvira. None abarundi barakeneye kuyibona ? None ko yavuga ku musi w’umuganuro , abarundi turashigikiye ko umuganuro ugaruka? None ko umuganuro watangwa n’Umwami abarundi barashigikiye ko umwami yokongera guhuza abarundi , n’aho atoza afata ubutegetsi kumwe kwa kera ikaba intwaro ishingiye ku mico kama y’uburundi na cane cane intwaro yubaha intahe ( itaja hejuru ya Sentare) , itaryanisha abarundi , itunganiriza bose , itanga akarorore keza mu burongozi , yubahiriza itunga rusangi ,irwanya ba nsumirinda na ba kaboko,...Murabe neza : ibihugu vyagumanya intwaro kama ubu bikaba birongowe n’umwami canke umwamikazi birateye imbere cane kandi biri mu mahoro arama. Ex. L’ANGLETERRE ,...Hu! Biragoye ko abarundi babitahura ariko niwo muti w’iki gihugu cacu bitebe bitebuke ko urwaruka rutanguye kubibona bizoza!!!

  • Jew nibaza kw’iki ar’igikorwa ca zina murundi wese. Kubwanje ntitwobitereranako ngo n’ivy’umuntu cank’umugwi uyu cank’uriya! Ahubwo twese duhagurukire rimwe nk’abarundi b’umutima dusab’ubwo burenganzira, ari nabwo bushobozi bwacu twanyazwe n’abaje batubesha ngo batuzaniy’iterambere kumbe baje kutwiba!

  • kubwanje icociyumviro nico iryo shirahamwe ryiyumviriye mbanje gushimira uwiyumviriye ico ciyumviro co kugarukana karyenda kukonakare twatakaje akaranga kandi utakaje akaranga uba utaye ibanga.Abo babirigi nimba bavyemera murababuranya mpaka bayizanye kukonakare ivyobatwaye nivyinshi nako nibo batumye uburundi ataco bwimarira mbere nizo nka 424 bazizane nindishi yakababaro kuko nakare ubikikara mtmpuzu rikaguturira kandi ngo urekakuvuga ukuri bakagutanga kukuvuga.Nimukomeze gusaba uruhusha nyenicubahiro umukuru wigihugu c’uburundi.Mbega karyenda yoba cari ikimazi c’uburundi konumva uburundi bwaciye bugwamungorane?

  • muribuka kugaruza urugo umwami yahora abamwo i muranvya!

  • NUKURI MBAJE GUSHIMIRA UWIYUMVIRIYE ICO CIYUMVIRO CO KUGARUZA KARYENDA Y,UMWAMI BAKONGERA KUMUCA IHADABU Y,INKA 424 KNDI ARIBO BAJE KUMUSINDIRA NASABAKO IZONKA UBUZARARONDOTS BAZOZIZANANE NINYUNGU N,AMATA BANYOYE VYOSE BABIZANE N,UBUTUNZI BWACU BATUNYAZE BWOSE

  • ICO ndipfu Niko nyakubawha aragoy uburnd bifatikanyize nano bikorana bagerageze buvire uburundi badusabire iyogoma murakoz

  • Ico Nico Kuko No Mubindi Bîhugu Barafise Inkingi Yigihugu.Ico Ciyumviro Nico Kuko Imana Yuburundi Yari Yahay Abenegihugu Iyo Ngoma Yosubira Ikatwibuka Tukaba Barurangiranywa.Kandi Nabo Bayinyaz Ntibibaze Ko Bazoyironkana Amahoro Imyaka Yose.Nimwibuke Isandugu Yisezerano.Ndagishigikiy Ico Ciyumviro.

  • Nivyo Ndabishigikiye Kuko Nkuko Abisirael Bazigamy Isandugu Niko Natwe Dukwiy Kubigira Kuri Karyenda.

  • Nimukomeze Musabe Iyo Ngoma .None Niyo Ikinga Ingorane Z’abarundi? Imana Nayo Mwoyishirahe?

  • none kohavugwa koyarifise forme y’igitsina gabo nivyo?

  • AHUBWO NBONAKUMBWANJE RETA YOKORESHA INGUVU IYO NGOMA IKAGARUKA

  • Ne Mutegekanya Kugarukana Iyo Ngoma Yacu Karyenda Nkaryar?Mbe Yavuzwa Kangahe Mumwaka?

  • NON KO BAVUGA KO YAVUGIRIZWA KWIREMBO RY;IBWAMI NIVYO?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.