Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi busabwa gushira mu ngiro ivyasabwe n’abafasha igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi busabwa gushira mu ngiro ivyasabwe n’abafasha igihugu

Uburundi busabwa gushira mu ngiro ivyasabwe n’abafasha igihugu

vendredi 4 Gitugutu 2013

Mu gihe hahimbazwa umusi mukuru wahariwe ubumwe bw’Ubudagi, uwuserukira ico gihugu mu Burundi Bruno Brommer yahamagariye igihugu c’Uburundi kugerageza kwubahiriza ibiba vyasabwe n’abasanzwe bafasha Uburundi, mu gushira mu ngiro wa mugambi wa kabiri wo kurwanya ubukene CSLP2.

Muvyo Bruno Brommer yasavye mw’ijambo ryiwe harimwo kworohereza abanyepolitike gukora hamwe no kurwanya ukudahana icaha. Iruhande y’ivyo, Bruno Brommer yamenyesheje ko yizeye ko Uburundi buzoshobora gukemura ingorane zihari nk’abarundi batari bake baguma bahunguka, hamwe n’ishirwaho ry’ubutungane bw’igihugu kivuye mu ntambara.

Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yasavye igihugu c’ubudagi hamwe n’abandi bose basanzwe bafasha igihugu ko bobashigikira no muri ya nama ihuza abafasha Uburundi yitezwe kuba mu ndwi zitatu gusa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.