Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi buzokina na Niger butagira umukinyi Frederic NSABIYUMVA
Uburundi buzokina na Niger butagira umukinyi Frederic NSABIYUMVA
mercredi 31 Myandagaro 2016, par
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu rukino rw’umupira w’amaguru, INTAMBA MU RUGAMBA, uzokina urukino rw’ugusubiriza kuri uwu w’Imana, utagira Frederic NSABIYUMVA, umukinyi w’inyuma asanzwe avyifatamwo neza cane mu nkino amaze gukinira Uburundi.
Abakinyi bose batumweko bava hanze y’Uburundi baramaze gushika mu myimenyerezo, kiretse Frederic NSABIYUMVA yamaze kumenyesha ko atakije. Uwo mukinyi yasiguye ko muri uwu mwanya afatiriwe, kuko ari mu bikorwa vy’ukurondera impapuro zimuha uburenganzira bw’ugukinira muri Afrika y’epfo (permis de travail), igihugu asanzwe akinamwo, mu murwi wa JOMO COSMOS, akaba ari nawe kizigenza w’uwo murwi. Ariko arondera kandi n’urundi ruhusha rw’ukuba muri ico gihugu (visa de résidence), aho tukabamenyesha ko urwo yahorana rwaheze.
Umumenyereza w’INTAMBA MU RUGAMBA, Olivier NIYUNGEKO akaba afise igikorwa gikomeye c’ukuzosubiriza uwo mukinyi w’inyuma, Frederick NSABIMANA, aboneka nka kirumara ku Burundi, mbere akaba ariwe yabaye umusubirizi mwiza wa Valery NAHAYO kuva aho uwo yari Kizigenza w’Uburundi amenyesheje ko akukurutse.
- Valery NAHAYO yasubiriwe na Frederick NSABIYUMVA mu kibanza yarimwo
Uburundi buzokina na Niger kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 4 Nyakanga 2016 i Niamey, akaba ari mu rukurikirane rw’ukurondera imirwi izokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umwaka w’2017 rizobera muri Gabon.
Tukabamenyesha ariko ko n’aho mu rukino rwa mbere Uburundi bwari bwatsinze ibitsindo bibiri ku busa umurwi nserukiragihugu wa Niger, Uburundi bwaramaze gutakaza amahirwe y’ukuzokwitaba iryo higanwa. Abakinyi b’Uburundi nibigenza neza bagatsinda muri urwo rukino, bikaba bizofasha igihugu kwegera imbere ku rutonde rwa FIFA rw’ingene ibihugu birushanya amanota.
Urutonde rw’abakinyi 16 batowe mu bandi kugira baserukire Uburundi muri Niger. Bafata urugendo kuri uwu wa gatatu
Arakaza Mac Arthur
Nzokira Jeff
Ndikumana Yamini Selemani
Hakizimana Issa
Harerimana Moussa Haphizi
Nahimana Shassiri
Kwizera Pierre
Mavugo Laudit
Tambwe Amissi
Abdoul Fiston
Nizigiyimana Abdoul Karim
Nshimirimana David
Kiza Fataki
Sabumukama Enock
Papy Faty
Moussa Omar
IGIHE
Messages
2 Nyakanga 2016, 23:03, par Ncuti Nmagara
Ntakundi, Nahuwomukinyi Atarimwo Tuzocinda Niger.
4 Nyakanga 2016, 06:53, par astere
turatsinda
4 Nyakanga 2016, 07:44, par Must Ronaldo
Ego Turabashigikiye Nubwo Uwo Mukinyi Atarimwo Baratsinda Tubarinyuma
4 Nyakanga 2016, 08:21, par NIYONZIMA Emélence
Urworukino Rutangura Sangahe? Nibagumye Umutima Turatsinda Kuko Nitwebwetubatangura.
15 Nyakanga 2016, 13:32, par Tangishaka
Nikuberiki Uyo mugabo atari Gukora Ibishoboka Kugirango Aze Gukina0numugwi Nserukira Gihugu?
27 Munyonyo 2016, 18:49, par macumi j.mbatousite
None Uwomukinyi Fredeke Yasubiriwe Nande?Uburundi Nibugire Inguvu Natwe Tuburi Inyuma