IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buzokwakira inama igira 9 y’ishirahamwe y’ubudandaji (...)

Uburundi buzokwakira inama igira 9 y’ishirahamwe y’ubudandaji OMC

mardi 4 Ntwarante 2014

Umushikiranganji w’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure yahaye umubonano Pierre Siméon ATHOMO –NDONG, umushikiranganji asanzwe arongoye umurwi ujejwe gushigikira amatora mw’ishirahamwe ryo mu karere k’Afrika yo Hagati. Uyo mutegetsi akaba yari kumwe na Jean-Claire ZUE-OBAME , umuhinga mu bibazo bijanye n’amatora mw’ishirahamwe ry’ibihugu biri mu karere k’Afrika yo Hagati (communauté économique des états de l’Afrique centrale).

Muri uwo mubonano bakaba bahanahanye ivyiyumviro ku vyerekeye ivyokorwa kugira amatora agende neza mu bihugu biri muri iryo shirahamwe, na cane cane ko amatora yegereje mu Burundi, kandi imwe mu migambwe ikaba idasiba kwerekana utunenge, mu bijanye n’ingene imigambwe idafatwa kumwe ku rubuga.

Mwomenya ko umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu , Laurent Kavakure avuga ko anezerejwe no kubona mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika yo Hagati basavye Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’ubudandaji, amaposita hamwe n’ingenzi ko inama igira icenda yo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ubudandaji izobara i Bujumbura ku ma genekerezo ya 11 Ntwarante gushika kuwa 13 Ntwarante 2014.

Mu gihe yafata ijambo, Siméon Athomo –Ndong yashimiye umushikiranganji , anamenyesha ko bazoraba ibikenewe vyose kugira amatora aze agende neza. Yagiriyeko amenyesha ko inyigisho zigiye kuzotangwa mu minsi izoza ku vyerekeye amatora. Ntiyibagiye no gushimira Uburundi ku twigoro bukora mu gufasha kugarukana amahoro mu karere.


KARIRE Floxella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.