Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwafatiwe ibihano n’ishirahamwe ry’Afrika ry’urukino rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Uburundi bwafatiwe ibihano n’ishirahamwe ry’Afrika ry’urukino rwa (...)

Uburundi bwafatiwe ibihano n’ishirahamwe ry’Afrika ry’urukino rwa Basketball

lundi 29 Nyakanga 2014

Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko "Basketball" ryaciwe ihadabu n’ishirahamwe ry’urwo rukino muri Afrika. Ingaruka mbi ni nyishi zizokwirikira iryo hadabu.

Inyuma y’aho umurwi nserukira gihugu w’Uburundi mu mupira w’amaboko "Baskball" usibiye mu nkino z’akarere ka gatanu, ng’ivyo ibihano birakorotse. Ihadabu ringana ibihumbi 29 vy’amadorari (29 $) y’abanyamerika ryaciriwe ishirahamwe rya "Basketball" ryo mu Burundi.

Iruhande y’iryo hadabu, izindi kwirikizi zishobora gukwirikira ico gihano, n’uko ishirahamwe rishobora kutaronka imfashanyo y’imiriyoni 80 (80 Euros) ryari ryemerewe n’Ubumwe bw’abanyaburayi (Union Europeenne). Ikindi n’uko n’umurwi w’Urunani ushobora gukurwa ku rutonde rw’imirwi izoja mu mahiganwa y’imirwi yabaye iya mbere iwabo. Ivyo vyose vyatumwe n’uko umurwi nserukira gihugu w’Uburundi w’umupira w’amaboko utitavye inkino, kandi wari wiyandikishije.

Herman arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi avuga ko umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, iyo witaba ayo mahiganwa, wari gukoresha amafaranga make agereranije n’iryo hadabu ringana ibihumbi 29 vy’amadorari Uburundi buzoca butanga.

Tubibutse ko ikibazo c’uko uburyo butabonetse arico catumye Uburundi busiba inkino z’imirwi nserukira gihugu yo mu karere ka gatanu ziriko zibera mu gihugu c’Ubuganda.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • INKURU NTABWO MWOYISUBIRAMWO NEZA
    KUKO MWANDITSE HAMWE IBIHUMBI 29 AHANDI IMIRIYONI29

  • BIBONEKA KO HARI SPORT CHOUCHOUTE ET LES AUTRES BANIS.LE BASKET EST BANI AU BURUNDI DEPUIS QUELQUES ANNEES.UNE EQUIPE AMENE DES COUPES MAIS YAGIYE KUMAGENDO.CA VEUT DIRE QUE INGUVU ZOSE PDT DE LA RPBQ YASHIZEMWO ARI IMPFA GUSA.MR LE MINISTRE LE SPORT SI VELO OU ATHLETISME GUSA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.