Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwakejwe n’ishirahamwe Meaningful World
Uburundi bwakejwe n’ishirahamwe Meaningful World
samedi 21 Nyakanga 2013
Mu gihe isi yose izaghimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro, Uburundi rero buri mu bihugu bitanu bizoshimirwa kubera uruhara igihugu cagize mu gutorera inyishu amatati afatiye ku bwoko.
Ako gashimwe kakazagutangwa n’ishirahamwe Meaningful World, ishirahamwe riri muri Leta zunzubumwe z’Amerika. Uwuserukira Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akaba ariwe azakugatora kw’izina rya Leta y’Uburundi.
Mu Burundi, umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro ukaba uza guhimbazwa uyu munsi kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga 2013, muri komine Isale. Mu ntumbero yo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe amahoro muri uno mwaka wa 2013, ikigo kijejwe guteza imbere imibano hamwe n’imiryango mu gisagara ca Bujumbura CDFC, kikaba cari catunganije ihiganwa ryahuje urwaruka rwo mu ma komine ane yo mu gisagara ca bujumbura, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Nyakanga uyu mwaka.
Ayo makomine rero yahiganywe akaba ari komine Kamenge, Musaga, Kanyosha, Rohero ,amakomine yahuye n’amatati y amoko mu ntamabara yo mu mwaka wa 1993, nk uko bivugwa n’uwujejwe ibikorwa muri iryo shirahamwe CDFC.
Floxella Karire