Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uburundi bwarushijwe na Niger mu rukino rw’ugusubiriza
Uburundi bwarushijwe na Niger mu rukino rw’ugusubiriza
lundi 5 Nyakanga 2016, par
Umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaguru, INTAMBA MU RUGAMBA, watsinzwe ibitsindo bitatu kuri kimwe n’umurwi nserukiragihugu wa Niger, mu rukino rwabaye kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 4 Nyakanga 2016 i Niamey, akaba yari mu rukurikirane rw’ukurondera imirwi izokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umwaka w’2017 rizobera muri Gabon.
Uburundi bwatsinzwe mu gihe mu rukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura INTAMBA MU RUGAMBA zari zatsinze, aho Uburundi bwatsinze Niger ibitsindo bibiri ku busa. Ibitsindo bitatu vya Niger vyinjijwe na Adebayor, Maazou hamwe na Koffi, mu gihe igitsindo c’Uburundi cinjijwe na Papy Faty
Tukabamenyesha ariko ko n’aho mu rukino rwa mbere Uburundi bwari bwatsinze uwo murwi nserukiragihugu wa Niger, Uburundi na Niger ni ibihugu vyamaze gutakaza amahirwe y’ukuzokwitaba iryo higanwa ry’igikombe ca Afrika.
Mw’itsinda (Groupe) rya K Uburundi burimwo, mu kibanza ca mbere haza igihugu ca Sénégal gifise amanota 18, akaba kandi arico gihugu kizokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’umwaka w’2017, muri iryo tsinda.
Uburundi buza mu kibanza ca kabiri n’amanota atandatu, hagakurikira Namibie ifise amanota atandatu nyene.
Abakinyi 16 batowe mu bandi kugira baserukire Uburundi muri Niger
Arakaza Mac Arthur
Nzokira Jeff
Ndikumana Yamini Selemani (yarasivye)
Hakizimana Issa
Harerimana Moussa Haphizi
Nahimana Shassiri
Kwizera Pierre
Mavugo Laudit (yarasivye)
Tambwe Amissi (yarasivye)
Abdoul Fiston
Nizigiyimana Abdoul Karim
Nshimirimana David
Kiza Fataki
Sabumukama Enock
Papy Faty
Moussa Omar
IGIHE
Messages
5 Nyakanga 2016, 15:20, par sindano clovis
EE Sinatahuye None Tuzogenda Gusubiriza Muri Niger Eee Turasho Bora Kwigonbora Dushije Imana Inbere Apana Unyungu Zanje Zawe Murakoze
5 Nyakanga 2016, 15:37, par bra
Tohoza neza,Niger vs Burundi(0-0),ivyo muvuze mwabikuye he?
5 Nyakanga 2016, 15:52, par Kanyosha
Ntakundi haburana babiri hagatsinda umwe.
5 Nyakanga 2016, 20:18, par izaac
mwiriw batam murongoye inkino muburundi jewe ngomba mbaze kotufise abakinyi beshi bakina hanze yigihugu mugabo hageze urukino ntibaze ntimubona kwaruruhombo kugihugu umupira uzotera imbere ryari iyotugiye gukina tudatsinda ntitwigera dushika nomu gice cakabiri turasavye abarongozi muze murahamagara abakinyi barihanze yigihug turabe kotwo tera imbe mumupira murakoze
6 Nyakanga 2016, 09:11, par Niyonzima
Non Nuburundi bwaramaz Gutah?
6 Nyakanga 2016, 12:15, par fabrice nsanzurwimo
murakwiy kwitwararika kuzana abakinyi bakina mubhhugn vyo hanze naya ahandi ho football y’intamba ntaho izoshika
7 Nyakanga 2016, 01:06, par Dabaramiye
Footbonre
7 Nyakanga 2016, 10:30, par Berchimans
none mugutumako abakinyi hisungwa iki? hoho kurabo basivye, ni igiki cahabay kugirango ntibajane nabandi? yo ariyo ntambamyi kugirango uburundi butsindwe murukino rwo gusubiriza?
7 Nyakanga 2016, 10:45, par MARC
TWARAGERAGEJ KABIS
8 Nyakanga 2016, 14:08, par Papa Ronaldo
Adebayor Numunya Niger? Mwihenze Adebayor Numunya Togo Turabashimiye Abo Bakinyi Ntakundi Vyarikugenda Mugabo Nibikubite Agashi
29 Gitugutu 2016, 21:09, par pr
Real mandride Yapfuzwe Amangori Angahe? Le29/10/2016
11 Munyonyo 2016, 20:08, par Nshimiriman Renova
Ntakundinimwihangan Muzostindahanyuma Ntakund
6 Nzero 2017, 21:09, par Harerimana
Barabe Umumenyereza Kwabakurikirana Neza Abahindurire