Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwarateye intambwe mu vyerekeye gushinga amashirahamwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburundi bwarateye intambwe mu vyerekeye gushinga amashirahamwe

Uburundi bwarateye intambwe mu vyerekeye gushinga amashirahamwe

mardi 7 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Uburundi bwarateye intambwe, mu bisata bitatu muri cumi bijanye no kworohereza abanyamitahe, nk’ikijanye no gushinga amashirahamwe, guhanahana amatongo hamwe no mu kijanye no gufasha abantu badafise imitahe minini minini mu mashirahamwe.

Nk’uko vyashikirijwe mu nama yo gushikiriza umurwi ujejwe gufata ingingo, aho ivyihinduka mu bijanye no kworohereza abanyamitahe mu mwaka w’2016 bigeze, Evelyne Ntibazonkiza, umunyamabanga nshingwabikorwa mu murwi ujejwe kworohereza abagwizatunga mu Burundi, yamenyesheje ko intambwe Uburundi bugezeko ishimishije.

Evelyne Ntibazonkiza asigura ko kuva mu mwaka w’2010, Uburundi bwagiye hamwe n’ibindi bihugu kugira bushobore gutera intambwe mu vyerekeye kworohereza abanyamitahe. Uko umwaka utashe, ibanki y’isi yose irasohora icegeranyo cerekana ku bisata cumi ingene igihugu cose kigenda kirorosha. Ivyo bisata rero ni nk’ibijanye no gushinga ishirahamwe, kurondera ibipapuro bikenewe mu kwubaka, kurondera ibipapuro kugira ushobore kugurisha itongo ku wundi, ibijanye no gutanga amatagisi, ivyerekeye kuronka umuyagankuba, ibijanye no gufasha abantu badafise imitahe, hamwe n’ibindi.

Nk’uko vyashikirijwe muri iyo nama yabaye kuri uwu wa kabiri, ku cerekeye gushinga amashirahamwe Uburundi buri mu kibanza ca 18, ku cerekeye guhanahana amatongo, Uburundi bwavuye mu kibanza c’126 buja ku kibanza ca 48.
Ku cerekeye gufasha abantu badafise imitahe minini minini, Uburundi buri mu kibanza ca 94.
Mu cegeranyo naco giherutse gusohorwa n’ibanki nkuru y’isi yose, Uburundi bukaba buri mu kibanza kigira 150 mu bihugu 189, nk’uko Evelyne Ntibazonkiza yabandanije abishikiriza.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.