IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwaratowe kuba icicaro c’amashirahamwe arwanya igiturire muri (...)

Uburundi bwaratowe kuba icicaro c’amashirahamwe arwanya igiturire muri Afrika

mardi 24 Nyakanga 2013

Mu nama iheruka kubera mu gihugu ca Ghana, Uburundi bwaratowe n’ibindi bihugu vyo muri Afrika kugira abe aribwo buba icicaro c’ubunyamabanga bw’ishirahamwe ry’amashirahamwe yo muri Afrika ajejwe kurwanya igiturire.

Mu gipolisi kidasanzwe kijejwe kurwanya igiturire mu Burundi bamenyesha ko bakengurutse iyo ngingo kuko vyerekana ko igihugu c’Uburundi naco catanguye kwizerwa. Kubwa Angela Barumpozako, umukuru w’igipolisi kidasanzwe kijejwe kurwanya igiturire, ni intwambwe nziza ku burundi kuko vyerekana ko intumbero igihugu cihaye yo kutihanganira abarya igiturire ibonwa neza n’abakurikiranira hafi ibikorwa vyo kurwanya igiturire.

Angela Barumpozako amenyesha ko igihugu kizohungukira cane, mu gihimiriza abarundi guhindura ingendo no kuvavanura n’ingeso yo kurya ibiturire. Ariko naho biri uko, Angela Barumpozako aranegura ivyegeranyo vyama bisohoka bivuga nabi igihugu c’Uburundi. Kubwiwe, ntivyumvikana ingene ivyegeranyo vyoguma bisohoka kandi ata n’umwe muri abo babikora aratumbera ico gipolisi kijejwe kurwanya igiturire kugira bavugane ivyakozwe, ibiriko birakorwa n’ihangiro.

Mu gihe igiturire ari akaranda, Angela Barumpozako amenyesha ko kukirwanya hamwe no kugituza bifata umwanya.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.