Accueil > Inkino > volley-ball > Uburundi bwatahukanye igikombe mu mahiganwa ya Volley beach
Uburundi bwatahukanye igikombe mu mahiganwa ya Volley beach
mercredi 17 Ndamukiza 2013
Uburundi bwatahukanye igikombe mu mahiganwa ya volley beach muri Namibiya
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Ndamukiza,mu nkino z’isi za volley beach mugishingo c’abakiri bato mu mwaka 2013.
Abarundi Briand Mugabowingabo na Yvan Bruce Dukundane nibo batahukanye intsinzi kuba kinyi ba Misiri nka Ahmed Farag na Abdelrahman Fayed mu gice canyuma. Izo nkino zikaba zabereye i Winedhoek muri Namibiya.
Ibihugu 5 vyari mu mahiganwa vyakurikiranye uku :
1.Burundi (Mugabowingabo\Dukundane)
2.Misiri (Ahmed \Abdelrahman)
3.Namibiya (Fischer\Hlupic)
4.Zimbabwe (Sibanda \kaseke)
5.Gabon (Mabindzou\Mbele)
Inkuru dukesha ikinyamakuru Burundi-Agnews
Aristide Nizigire