Accueil > Inkino > Amahiganwa > Uburundi bwatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya karaté ryabereye muri (...)
Uburundi bwatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya karaté ryabereye muri Kenya
lundi 23 Nyakanga 2013
Abarundi batahukanye ikibanza ca mbere n’imidari 4 kuri 6 yari mw’ihiganwa mpuzamakungu rya karaté zone 5 ryahuza ibihugu umunani, ryabereye mu gihugu ca Kenya kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 21 Nyakanga 2013.
Ishirahamwe JKA (Japan Karaté Association) ryo mu Burundi ryari ryatumiwe muri Kenya mw’ihiganwa mpuzamakungu ryahuje ibihugu umunani : Burundi, Kenya, Ouganda, Tanzaniya, Ethiopie, Afrika y’epfo, Quatar, Ubudagi. Abakinyi ba karaté b’abarundi batahukanye ibibanza vy’imbere. Mu midari itandatu, abarundi batahukanye ine n’ibikombe bitatu.
Mw’irushanwa rya mbere, aho umwe wese yerekana ubuhinga bwiwe, ikibanza ca mbere catahukanye umukinyi wa karaté w’umurundi Ntiruseseka Hervé. Yaciye aronka umudari w’inzahabu n’igikombe, kandi yongera akurikirwa n’abarundi nyene : mu kibanza ca kabiri hari Niyubahwe Franck, yaronse umudari n’igikombe, co kimwe na Ndabagobetse Isaac yatahukanye ikibanza ca gatatu.
Mw’irushanwa ry’abahiganwa barwana, ikibanza ca mbere catahukanwe n’umurundi Nsengiyumva Fulgence, aca aronka umudari w’inzahabu n’igikombe.
Ivyo bibanza vyiza vyatumye baca batumirwa mw’ihiganwa rizobera mu gihugu ca Ouganda mu kwezi kwa Munyonyo uyu mwaka turimwo, bamwe muri bo kandi bakaba baratumiwe no mu rindi higanwa rizobera mu gihugu c’Ubuyapani, mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2014.
- Ntiruseseka Hervé, yatahukanye ikibanza ca mbere mw’irushanwa, aho umwe wese yerekana ubuhinga bwiwe
Abo bakinyi ba karaté baraye bateye iteka igihugu c’Uburundi basaba ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama ko bwobafata mu mugongo mu kubaronsa uburyo, mu gihe vyagoranye ko baburonka, aho bariko bitegurira kwitaba iryo higanwa ryabereye mu gihugu ca Kenya. Bashimira Christophe Nkurunziza, ari nawe yatanguje ishirahamwe JKA (Japan Karaté Association), kuko ariwe ubwiwe yabahaye uburyo bwo gushika mu gihugu ca Kenya.
Egide Nduwimana
Messages
4 Gitugutu 2013, 10:53, par Bimenyimana Fleury
Bene wacu ndaryohewe kunva igihugu canje cabaye icambere mwihiganwa rya KAlaTE mwariteye iteka mutera itaka nigihugu cabibarutse komera kumuheto mutere imbere nkumuzinga biryaheye amatwi kutsinzi mwatahukanye
27 Nyakanga 2016, 06:56, par Mpanzo Odilphe Babu.J
Nanje Vyaranezereye Ku Ntsinzi Benewacu Batahukanye Nkaba Nipfurije Uburundi Guterimbere Iminsi Yose