Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gufashanya na Afrika (...)
Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gufashanya na Afrika y’Epfo
mercredi 5 Munyonyo 2014
Reta y’Uburundi yateye umukono ku masezerano yo gufashanya hamwe na Reta ya Afrika y’epfo. Ayo masezerano ashiraho umurwi ugizwe n’impande zompi uzokurikirana ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano.
- Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ari kumwe na Jacob Zuma aramutswa Afrika y’Epfo
Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe na Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo barakurikiranwe igikorwa co gutera umukono ku masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi na Afrika y’Epfo. Ayo masezerano yateweko umukono n’abashikiranganji b’imigenderanire n’ivyo bihugu vyompi, ico gikorwa kikaba cabereye i Cap Town, mu nyubakwa z’inama nshingamateka y’igihugu ca Afrika y’Epfo. Ivyo bihugu vyompi vyumvikanye gufashanya mu bijanye n’inkino n’imico kama.
Mu nama yahuje abarwizatunga b’abarundi n’abo muri Afrika y’Epfo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahamagariye abarwizatunga bo muri Afrika y’Epfo kuzana imitahe yabo mu Burundi, kuko ari igihugu gisigaye kirangwamwo amahoro, kandi corohereza abanyamitahe.
Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo yamenyesheje ko igihugu arongoye kizokwama hafi y’Uburundi mu bijanye n’uguhanahana ubumenyi.
Egide Nduwimana
Messages
5 Munyonyo 2014, 11:52, par jisho
Aho Nyakurambamutware mwiza.nibaze bakorer hano iwacu kandi amahoro niyose naho barwankabiyago (societe civile na adc)birirwa baricafuriza igihugu cabo ukamenga ingaruka ntizigera no kubabo.wewe turakwizey
5 Munyonyo 2014, 15:24, par kkkk
Ko mutavuze ko bamwimye ibigwanisho yabasavye? Naho yogira nte azokurwa uwo mugamba
5 Munyonyo 2014, 15:50, par Nihobakiri
Jewe nibazako Peter Nkurunziza ariko arakora ingendo ziwe zanyuma imbere yuko ibiringo vyiwe bibiri birangirana na Juin 2015
5 Munyonyo 2014, 17:56, par So
Komeza perezida wacu wuburundi iyomigambimyiza wamanye. Hanyumanagomgankebure abavugako usigaje igihegitoya kuntebe yubukurubwigihugu Ko bodusigurira neza icobababashatse kuviga, mbegabababashaka kuvigako uwusigaje igihegitoya kutebeyubutegetsi yocahagarika kuronderera ineza igihuhu? Kuwavuzengo yasavye ibirwanishobarabimwima rekandakubaze wewewibazako ivyobirwanisho vyozana iterambere muburundirimezegute? Abategetsimushaka kobojahorero nabokwirirwa bajahusaba ibirwanisho!? Murahumiwe canke mwaramazeguhumirwa.
5 Munyonyo 2014, 19:51, par KEREBUKA
Azotuyobora mpaka twebwe nyene abarundi twunvise ikiri k’umutima kigize ati ashiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii!,muvyemera canke muvyanka.nitwe twamuhaye kandi nitwe tuzomusubiriza mugihe tuzobona ko bikenewe,sako kagwi gatoya rero kintunva,kama kigumura ,gashaka kwigira nkutwinda yigira mwibutura,komera ,ramba nyakwubahwa president wacu,teza igihugu imbere gishike kumajambere arama!!.
5 Munyonyo 2014, 20:59, par MVUZO
Hahahaaaa muga aratwenza keri uwo Nkurunziza kubona aza kubesha ngo uBurundi nigihugu kirangwamwo amahoro nabanyamerika na babirigi bariko barabuza ababo gutembera mubibanza bimwebimwe Edward nduwimana nawe ngo uburundi ntamutekano uriho kuko imirwi yiterabwoba yaramaze kwinjira hahaa aradutwengeje kweri
6 Munyonyo 2014, 00:03, par mbimbi
Komera muhanyi!! Izo mbura maboko nazo zishinga kugimura abanyagihugu zizotwereka Imigambi zaranguye kugira tuzitore!
6 Munyonyo 2014, 10:01, par Rungika deo
Abantu mwese mwirata kuri nkurunziza Pierre ntawukorako kuko iterambere riri mu burundi ntiyari bwaboneke imikandarugi ni nume kuko bavuga bareke ico imana yiteguye tigihinduka murazi ko nabatutsi bakoreye nabi abahutu ariko raba barabaye aba president
6 Munyonyo 2014, 10:04, par Majimaji
mbona bigoye ivyubu. ko atavuze vyabigabo bisigaye bitembera mwijoro vyambaye AMAKOTI MAREMARE ; aho avuga ngo umutekano ni mwiza!
6 Munyonyo 2014, 11:58, par Djuma
Muratwengeje kweli igihuguc’uburundintikizigerakironkumutekano atigute? manzamwumvikanemushabikanyubikanyubutegetsi kuberiki hakirindyane hagati yabanyamigambwe?mugabo musimbirakumaradiyo ngomuburundihasigaye harumutekano.Rekagutuhenda!!!twarabahinyuye!!.
6 Munyonyo 2014, 15:28, par kimana armand
Hahahahahaaaaa. Reka twitwengere amenyo aragutwenga ari ayawe. Ngo iterambere rirangwa mu Burundi aho 2/3 vy’abarundi bishwe n’inzara, uBurundi buri mu mu bihugu 3 vya mbere bikenye kw’isi, ubukene bw’abavuzi, abigisha babinonosoy, Ivyo nivyo mwita iterambere. Iyo abasahura ubutunzi bw’igihugu bubatse amagorofa yabo ataco amariy abanyagihugu nivyo mwita iterambere. Raba ubushomeri buri mu gihugu aho ata muntu akironka akazi, ivyo nivyo mwita iterambere???? Nayo ivyo ko Nkurunziza azotwara gushika izo ni indoto kandi si uwa mbere agize bene izo ndoto ariko bose birabatekurukana. Uwuheruka ni Blaise Compaoré nawe nyene yatanguye nk’uko Nkurunziza yiyumvira none raba ingene yahejej. Uturorero ni twinshi cane ariko ni kubera tutaraba kure gusa.
8 Munyonyo 2014, 12:46, par philbert
Ni mwirambire batama bacu murushirize gutsimbataza amahoro n’ubumwe n’iterambere nu bihugu vyacu