IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwemeye gufasha Misiri gusubira mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa (...)

Uburundi bwemeye gufasha Misiri gusubira mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika

dimanche 28 Mukakaro 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarahaye umubonano ku munsi w’ejo, Mona Omar, intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Misiri. Mona Omar yari aje gusaba intererano y’Uburundi kugira igihugu ca Misiri gisubire mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Igihugu ca Misiri cakuwe mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika inyuma y’ihirikwa ry’ubutegetsi muri ico gihugu ryatembagaje intwaro ya Mohamed Morsi. Mona Omar yasiguye ko abanyagihugu imiliyoni 22 bo mu Misiri, biciye ku rwete bateyeko umukono, barerekanye ko bipfuza ko igihugu ca Misiri cosubira mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kandi ko abo banyagihugu bipfuza ko intureka irangwa muri ico gihugu yohera.

Kubw’ivyo rero, Mona Omar, intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Misiri yamenyesheje ko bipfuza ko Uburundi bwabafasha gusubira mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yongera amenyesha kandi mu mezi umunani ari imbere bazoba baramaze gutegura amatora kugira batwarwe n’inzego zubahirije ibwirizwa shingiro.

Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yarakeje igihugu ca Misiri kuri iyo ntambwe yo kugarukana amahoro n’umutekano. Yabemereye kuzobavugira mu biganiro azogira na bagenzi we bo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.