Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi ku burongozi bwa COMIFAC buzohungukira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Uburundi ku burongozi bwa COMIFAC buzohungukira

Uburundi ku burongozi bwa COMIFAC buzohungukira

mercredi 7 Nzero 2015

Muri ino myaka ibiri Uburundi bugiye kuba ku burongozi bwa COMIFAC, mu bushikiranganji bw’ibidukikije bamenyesha ko ari akaryo keza ku Burundi ko gushira mu ngiro imigambi imwe imwe bwari bwihaye mu ntumbero yo kubandanya bakingira ibidukikije.

COMIFAC (Commission des Forêts de l’Afrique centrale) ihurikiyemwo ibihugu cumi arivyo Uburundi, Urwanda, Congo, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Gabon, Tchad, Cameroun, Guinée Equatoriale, Republika ya Centrafrika, Sao Tome na Principe. Ivyo bihugu uko ari icumi bikaba bisangiye ikiyaya ca Congo. Umuryango COMIFAC ukaba witaho cane amashamba n’ibidukikije.

Nk’uko umuvugizi w’ubushikiranganji buraba amatongo n’ibidukikije avyiganira ikinyamakuru IGIHE, aremeza ko muri ino myaka ibiri Uburundi bugiye gutwara uwo murwi buzoshobora kuhungukira. Aha akamenyesha ko haba hari imigambi basangiye mu karere hose hamwe n’imigambi ya buri gihugu kimwe kimwe ukwaco. Muri ino myaka ibiri Uburundi buri ku burongozi bwa COMIFAC, hari imigambi ibiri bazokora mu ntumbero yo gukingira ibidukikije iyo nayo ni kubandanya batera ibiti mu ntara ya Ngozi na Cankuzo mu bitara vya Reta, uwundi mugambi ni uwo gushira Inanzerwe na Mpungwe mu bibanza bikingiwe.

Ikindi umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe amatongo n’ibidukikije avuga n’uko batazokwibagira no gushira inguvu mu gukwiragiza amatuta mu ntara za Bujumbura kugira ivyashitse mu Gatunguru mu mwaka uheze ntibisubire.

Tukabibutse ko ku magenekerezo ya 14 gushika kuwa 16 Nzero hategekanijwe hano i Bujumbura inama nshikiranganji igira umunani, ihuza abahurikiye muri COMIFAC. Inama zama ziba uko imyaka ibiri itashe. Tubamenyeshe kandi ko Uburundi busubiriye igihugu ca Tchad cahora ku burongozi bwa COMIFAC.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.