Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi mu bihugu 7 vya mbere mu kugwanya Sida - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Uburundi mu bihugu 7 vya mbere mu kugwanya Sida

Uburundi mu bihugu 7 vya mbere mu kugwanya Sida

samedi 30 Mukakaro 2016, par Jean De Dieu

Uburundi buherutse gushirwa kurutonde rw’ibihugu indwi vyo muri Afrika iherereye musi ya sahara vyateye intambwe idasanzwe mukugwanya ubwandu bw’umugera wa sida hagati y’umwana n’umuvyeyi agendana umugera w’iyo ngwara.

Icegeranyo casohowe n’amashirahamwe abiri, ONUSIDA na PEPFAR, cerekana ko uburundi bwagabanije iyo ngwara ya Sida mubana bavuka kubavyeyi bayigwaye, kubice 84 kw’ijana kuva mumwaka w’2009.

Abakenyezi barenga 3800 mu gihugu cose bakaba aribo bari ku miti nk’uko bishikirizwa na Dr Nkunzimana Alphonse arongoye umugambi w’igihugu ujejwe kugwanya ingwara ya Sida n’izindi ngwara zifatira mubihimba vy’irondoka.

Benshi muri abo bakenyezi, bemeza ko bamaze kwibaruka incuro zirenga zibiri biciye ku mugambi w’igihugu wa PTME ujejwe kugwanya umugera wa Sida.

Muganga Nkunzimana Alphonse asigura ko mu mwaka wa 2009 abakenyezi bafashwa bari bake kubera batari bwajijuke. Bagera ku 1580 gusa. Muri 2010 bariyongereye gato gushika kuri 2600.

Mu mpera z’umwaka wa 2015 bari bageze kubakenyezi 3885. Ubu mu Burundi umukenyezi wese agiye kwipimisha imbanyi ibitaro vyose agiyemwo bifise itegeko ryo kubanza kumupima umugera wa sida. Basanze agwaye aca atangura gukurikiranwa no guhabwa imiti.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.