Accueil > Amagara y’abantu > Uburundi mu bihugu Abantu batanezerewe n’imibereho yabo
Uburundi mu bihugu Abantu batanezerewe n’imibereho yabo
vendredi 18 Ntwarante 2016, par
Abantu mu bihugu vyo muri Afrika bitari bike, harimwo Uburundi, Benin, u Rwanda, Gineya, Liberiya, Tanzaniya, Madagascar na Togo nibo bantu ba nyuma kw’isi batanezerewe n’ukuntu babayeho kubw’icegeranyo c’ukungene abantu banezerewe n’ubuzima kw’isi yo mu mwaka w’2016.
Ico cegeranyo caravye amafranga abantu baronka ku giti cabo ku mwaka, ikiringo babaho, igiturire, ukugene bafashwa n’ubwigenge bwabo bw’uguhitamwo ibintu mu buzima nk’ibimenyetso vy’ukunezerwa n’ukuntu babayeho.
Ikiza ca Ebola cihaye inkumbi mu gihugu ca Liberiya caragize uruhara mu gutuma ico gihugu kiza mu bihugu vya nyuma kw’isi ku kugene abantu batanezerewe n’ukuntu babayeho. Igiturire muri Reta kibandanya kuba intambamyi kw’iterambere ry’akarere ka Afrika.
Danemark nico gihugu kiza ubwa mbere ku rugero abantu banezerewe n’ukugene babayeho. Ico gihugu gikwirikirwa n’Ubusuwisi.
Ibindi bihugu cumi biza imbere y’ibindi ku vyerekeye ukugene abanyagihugu banezewe n’ukugene babayeho ni Iceland, Norvege, Finlande, Canada, Ubuholande, Nouvelle Zelande, Australiya, hamwe na Suede.
IGIHE
Messages
18 Ntwarante 2016, 09:45, par eric
ahubwo bazovuga ko uburundi nigihugu abantu bose barira uko bavyuse .bambaye ubusa....
18 Ntwarante 2016, 10:13, par Kegis
Iyo raporo SIYO iteye amakenga mugihe tuzi ko u Rwanda ruriko ruratera imbere cane kandi n’ abarundi haraho tuja mu bindi bihugu tukabona ko turi mu bandi.
18 Ntwarante 2016, 13:50, par Impamvu
Muri rusangi ibihugu imibereho y’abantu ari myiza ni mu bihugu vy’aba poroti(protestants). Tugiye kure dusanga ibihugu bakoresha i gifaransa kandi bigwiriyemwo aba gatorika arivyo biri inyuma y’ibindi.
Hari umushakashatsi yavuze ati igihugu ntigishobora kuba francofone et catholique ngo gitere imbere. Iyumvire kuri iki , mwihweze murasanga harimwo ukuri naho hari exceptions. Mwongere mwibaze muti ni kuki?
18 Ntwarante 2016, 15:56, par OKAY
@Kegis
None nkivyo uvuze wabisomye hanyuma wumva ngo bivuga ngwiki mukirundi? Abarundi tutemeye ko aritwe twiyononera mugushaka gukoresha inguvu n’ubusuma muri vyose, maze ngo tubihe be (cane cane abo twita ngo n’abategetsi) tuzoguma inyuma kugeza Yesu agarutse. Muzoguma mupfana ubwo bujuju bwanyu!
22 Ntwarante 2016, 18:07, par Sibomana Fanuel
Ivyabaye Unomusi
28 Rusama 2016, 18:09, par Bligiekaze
Imbere yo kurwana n’uri inyuma y’urugo nukumenya ko iwawe wipanze neza.Abarundi tumare ivyacu I Rwanda baradusize ,kubashikira s’ubu.