Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi n’Ingoma y’Ububirigi barateye igikumu ku masezerano abiri yo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Uburundi n’Ingoma y’Ububirigi barateye igikumu ku masezerano abiri yo (...)

Uburundi n’Ingoma y’Ububirigi barateye igikumu ku masezerano abiri yo gufashanya

vendredi 24 Gitugutu 2014

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Lawurenti KAVAKURE n’Uwuserukira Ingoma y’Ububirigi hano mu Burundi barasinyiraniye amasezerano yo gufashanya mu bisata bibiri kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Gitugutu 2014.

Igisata ca mbere cerekeye gufashanya mu vy’inyubako n’ibikoresho mu gisata c’amagara y’abantu (volet infrastructures, équipement et maintenance du programme d’appui institutionnel au secteur de la santé publique (PAISS)). Iki gisata bacemereye imilioni 9 y’amafaranga y’abanyaburaya (imiriyaridi 25 mu mafaranga y’amarundi).
Iyi mfashanyo izofasha mu bikorwa vyo gusubiramwo ivuriro ry’i Kiganda mu ntara ya Muramvya, kugira rice riba ibitaro bikwije ibikenewe vyose. Izotuma kandi hafashwa neza amavuriro yo mu ntara za Kirundo na Muyinga, u vyerekeye kwakira abarwayi bayitura, kuzikwiragizamwo amazi meza n’umuyagankuba, mw’isuku, hamwe no kuronsa uburaro abakozi b’ayo mavuriro.

Igisata ca kabiri kigiye gufashwa n’ingoma y’Ububirigi n’icerekeye inyigisho z’imyuga n’ubuhinga (formation professionnelle et technique). Iyo mfashanyo ije kwunganira imigambi ya mbere, na cane cane mu vyerekeye uguhwabwa inyigisho z’akanovera, hamwe nukuronswa ubuzi. Imfashanyo yahawe iki gisata igera ku miliyoni zitandatu z’amafaranga y’amanyabulaya.

Umushikiranganji Lawurenti KAVAKURE yarashimiye cane Ingoma y’Ububirigi kur’iyo mfashanyo yaronkeje Uburundi mu bisata ngirakamaro gussumb’ibindi. Yamenyesheje ko Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ubw’inyigisho bugiye gukoresha no gukurikirana iyo mfashanyo ihejeje gutangwa kugira bashike ku ntego bishinze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.