Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi na Côte d’Ivoire bipfuza gukomeza imigenderanire mu gisata (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uburundi na Côte d’Ivoire bipfuza gukomeza imigenderanire mu gisata (...)

Uburundi na Côte d’Ivoire bipfuza gukomeza imigenderanire mu gisata c’umutekano

jeudi 17 Gitugutu 2013

Umushikiranganji w’umutekano, Gabriel Nizigama yaramenyesheje ku munsi w’ejo kuwa gatatu ko hariho ugushaka gufashanya mu gisata c’umutekano hagati y’Uburundi na Côte d’Ivoire.

Gabriel Nizigama asanzwe ari mu rugendo mu gihugu ca Côte d’Ivoire yaragiranye imibonano n’abapolisi b’abarundi bari muri ico gihugu, hamwe n’abapolisi ba Côte d’Ivoire, bakaba baganiriye uko botezanya imbere mu migenderanire bafitaniye mu gisata c’umutekano. Umushikiranganji Gabriel Nizigama akaba yaranezerejwe n’ukugendera abapolisi b’abarundi bari mu bikorwa vya ONU mu mugambi UNPOL usanzwe ujejwe kugarukana n’ugutsimbataza amahoro muri Côte d’Ivoire, bari kumwe n’abandi bapolisi n’abasirikare bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mu gihe n’Uburundi bwahoze mu ndyane zakwezwe n’intambara, umushikiranganji Gabriel Nizigama yasavye abo bapolisi b’abarundi gukorana neza na bagenzi babo mu mirimo bajejwe kugira n’ico gihugu kigenzi c’Uburundi gishobore kuronka amahoro.

Urwo rugendo umushikiranganji Gabriel Nizigama arugize inyuma y’izindi zagiye zirakorwa n’abategetsi bandi b’abarundi mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire y’Uburundi na Côte d’Ivoire. Kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2013, mu gisagara ca Abidjan, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Laurent Kavakure yarahawe umubonano na Daniel Kablan Duncan, umushikiranganji wa mbere wa Côte d’Ivoire, bompi bakaba baganiriye ku migenderanire y’ibihugu vyabo, ugufashanya bishimikiye ku gisata c’uburimyi, igisata c’ubuvuzi n’ugufashanya mu bijanye n’inyigisho za kaminuza.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.