Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hoba hagira havuke irindi shirahamwe ry’akarere? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Hoba hagira havuke irindi shirahamwe ry’akarere?

Hoba hagira havuke irindi shirahamwe ry’akarere?

samedi 2 Munyonyo 2013

Inyuma yaho mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika y’Ubuseruko EAC bigaragariye ko hasigaye haba inama z’abakuru b’ibihugu, bamwe ntibashobore kuzitaba, ndetse ibivurwa ko bamwe muri abo bakuru b’ibihugu boba batanaronka n’ubutumire umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ukwijira kw’Uburundi muri uyo muryango bari kumwe n’umunyamabanga mukuru muri uyo muryango bavuga ko ako ari akagorane gato.

JPEG - 122 ko
Richard Sezibera umunyamabanga mukuru wa EAC

Ako kagorane umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri EAC na Richard Sezibera umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika y’Ubuseruko bita gato, bamenyesha ko kagiye kuzotorerwa umuti mu nama y’abakuru b’ibihugu vy’Afrika y’Ubuseruko buca ibera mu gihugu c’Ubuganda mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo uyu mwaka turimwo.

Mu nama yahuje abashikiranganji bajejwe iyinjira ry’ibihugu vyabo muri Afrika y’Ubuseruko yabereye i Bujumbura kuri uyu wa gatanu igemekerezo rya 31 Gitugutu, Sezibera yavuze ko intumbero nyamukuru yo muri iyo nama kwari ukuraba intambwe ibikorwa vyabo bigezeko mw’ishirahamwe, intambwe yamenyesheje ko ari nziza kuko muri uyu mwaka w ’2013 bashoboye kurangura imigambi gushika ku bice 98 kw’ijana.

Leontine Nzeyimana umushikiranganji w'Uburundi muri EAC

Naho biri ukwo, twobamenyesha ko bivurwa yuko Uburundi na Tanzaniya vyoba bigira vyugurure imigenderanire ikomeye mu gisata c’ubutunzi n’ubudandaji, mu gihe bo bavuga ko bakumirwa cane na bagenzi babo mu nama ziba ndetse zerekeranye n’akarere bose bahurikiyemwo. Muri ico gisata gishasha, bivugwa ko kizoba kigizwe n’ibihugu bitatu, Uburundi, Tanzaniya, na Republika iharanira intwaro erusangi ya Kongo.

N’aho kuri ivyo vyose Uburundi ataco burabivugako, amakuru dukesha ikinyamakuru Burundi magazine avuga ko ku munsi wa gatatu uheze, igihugu ca Tanzaniya camenyesheje ko catanguye ibiganiro na Leta y’Uburundi co kimwe na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ku bijanye n’uwo mu gambi w’ubudandaji n’ubutunzi, mu gihe basa n’abakumiriwe mu nama z’akarere ka EAC.

Samuel Sitta umuskiranganji wa Tanzaniya muri EAC

Igihe uyo mugambi wariko urashikirizwa abashingamateka ba Tanzaniya mu gisagara ca Dodoma, umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe iyinjira ry’ico gihugu muri EAC Samuel Sitta, yoba yaciye asabwa n’abashingamateka bico gihugu kunyarutsa uyo mugambi kandi n’igihugu cabo kikava mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko vuba.

Ku bivurwa vyose mw’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko, umunyamabanga w’iryo shirahamwe we avuga ko ahari abantu hama ingorane, ko ariko ingorane zose ziri mw’ishirahamwe bahurikiyemwo zizotorerwa umuti mu nama y’abakuru b’ibihugu izobera mu gihugu c’Ubuganda.


Aristide Nizigire

Portfolio

Messages

  • EMWE,NDUMIWE !
    ARIKO NI UKO NYENE VYATEGEREZWA KUGENDA.

    MUBISANZWE, ABAZI AKIHISE K’IRYO SHIRAHAMWE BO BARAKAZI:

    NI ISHIRAHAMWE RYAMYE RIRANGWA N’AKAJAGARI KUVA KERA NARINDI, RYAHOZE RYUBAKWA,RISAMBUKA.

    MURUMVA RERO NTA GISHASHA COBA KIBAYE HAMWE RYOHAVA RISAMBUKA.

    ARIKO GUSA TWEBWE ABARUNDI DUFATANE MUNDA,IBISIGAYE DATA WA TWESE AHORAHO AZOBIKORA.

  • hahaahahaaa @Clay Montagnard hewe kuva ryari aruko bimeze? urashobor kutubwiri igihe vyatanguriyeko ukatwibutsa nama taliki?

    uko gusambuka !!!!

  • Nta muntu yosangira Ishirahamwe na Kagame,Kaguta na Kenyatta(K3) ngo azohabone impore!Abo Banyarwanda bakamisha Génocide ntibazohava batuzanamwo ivyiyumviro vyapfuye?Ni bagume iwabo natwe tugume iwacu!Baduteye tuzokwivuna hace haba Kirundo 2!Naho ari benshi(11 millions) ndaziko bafise ingorane za Pô kudusumvya!

  • hahahahahaha ahubwo je mbona batevye nibanyarutse barivemwo kuko ntaco rimaze tuzokwibanire naba congoman naba bongo

  • HAHAHAHAH BYE BYE NYAKATSI NUBUNDI NTAGUSANGIRA NABASEGEREZI TWABASHYIZEMO YUGOMBA NOKUBIRUKANAMO

  • EWE GA YE, AHO UBONA E.A.C BIYIGOYE BIKIRIKO.

    UMVE NAMWE:
    KUVA 1967 NI HO RYAVUKA.
    AHO NAHO MUNYUMA RYARAGIYE RIRASAMBUKA,RIGWA RIVYUKA,RITEMBA,RIHAGURUKA... . EMWE N’AGATANGAZA !!

    ARIKO RERO VYONGEYE ,NTA GITANGAZA,KUKO INKUBA ZIBIRI ZIDASANGIRA IGICU,KANDI BURYA AMAVUTA N’AMAZI NTIBIVANGANA.

    KANDI NONEHO,KIRA GIHUGU COSE KIRAFISE IMICO N’IMIGENZO YACO HAMWE N’INGENE CITUNGANIJE.

    RERO ASANGWA MURI IVYO BIHUGU HARIMWO IBIFISE IMICO Y’AKIGANZO BE N’UKUDASHIRA HAMWE,NDETSE NO KUBONA KO UWUNDI ATACO AMAZE: MURI ICO GIHE BICA BIMERA NKA KURYA KW’AMAZI N’AMAVUTA.

    IKINDI NA CO:
    TANZANIA NA RDC UGIRA NGO BOBO SI BO BANDI ?? REKA TUBIRORERE,UWUZORAMBA AZOBONA.

  • Hewe wewe witwa Kirazigirijwe uzabaze amateka ntuze usubire kuyacurika Kirundo uzamenye ico vyavuyeko. Urumva ntuze wongere kwibesha nubu nimuvuge fyo urabe uko intama zambarwa

  • wowe wiyise Kirazigirijwe , ndagirango nkumenyeshe ko wibeshya cyane iyi coalition ya 3K, irakomeye kandi ifitiye n’abaturage akamaro uzabibona mu minsi mike ubwo gari yamoshi izaba ikandagira ikigali mwe mukiri muri za fuso !!! ariko nta gitangaza kirimo ntabwo mwaba mudafite n’ imihanda ya kaburimbo ngo mutangire gutekereza gari ya moshi!! na TZ nayo yagize imana abakoroni basiga bazibakoreye naho ubundi nabo n’ ubu byari kuba ari uko, aba bagabo rero wowe wikomye aba ba president bo barahura buri gihe bahangayikishijwe n’ibibazo by’iterambere ry’abaturage naho NKURUNZIZA na KIKWETE bo barimo bategura uko birukana abanyarwanda mu bihugu byabo !!!!!! ngaho mbwira koko!! ubwo urumva vision zidatandukanye???

  • Tanzania ntiyigeze yishimira iyinjira ry’u Rwanda muri EAC, bavugako Urwanda n’Ububurundi bizazana amacakubiri mumuryango.

  • yewega gikweto watangiye propaganda zawe ucyunva urwanda ko ruzajyamo ariko gusa icyo nakubwira urwanda muzi sirwarundi ubu siburya yaba tz cg buja muvuyemo twakomeza kuko twe tumenyereye kwigira .nahubundi nta gikongoro nta nyamagabe turabizi ko turiho nka isiraheli hagati yabatwanga benshi ariko mwibukeko imana yirirwahandi igataha irwanda tuzabaho mwatwirukana iwanyu cyangwa ntimwitwirukane sisi tutasonga mbele tu.

  • @Abdulatif, geza ngaho. Urwanda si Israël nagato aho niho muriko mwihendera mwibazako mushobora kwigira nka Israël muri proche-orient , mwibazako muzo créant za lobby mwisi. Nta pétrole iri muri grands lacs izatuma USA ibagwa inyuma. Nivyiza ko mworondera kubana neza nababanyi banyu.

  • Mwa ba Psdts babi mwe, Imana ibadukize mugire mugende abanyagihugu ba EAC twibereho imyaka mike Imana yatugeneye mu mahoro. Abana na barumuna bacu nabo bazobone aho bibera mu mahoro. Nayo mwebwe mwishongora (Abarundi n’Abanyarwanda) MUTERANA AMAJAMBO MWOBA MUBABAJE HAMWE MWOBA MWARACIYE KW’ISHURE KANDI MURENZA 30 YEARS OLD. Uduhugu gwanyu no kuri World Maps ntitunaboneka, musangiye imico n’ibindi vyinshi (history), etc. hanyuma ngo ..................... .... I puuuuuuuhhh!! Gihanga na Nyaburunga bari abagabo nayo mwebwe .........

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.