Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uburundi ntibureze amaboko mu guhasha abadandaza ibiyayuramutwe
Uburundi ntibureze amaboko mu guhasha abadandaza ibiyayuramutwe
jeudi 15 Rusama 2014
Uburundi bwarafashe ingingo zituma abadandaza ibiyayura mutwe babiheba canke bakanadebukirwa, mu gihe urwo rudandazwa ruvugwa haba mu karere eka no kw’isi yose.
Ariko rero kugira ivyo biyayura mutwe bishobore gutuzwa, abanyagihugu bakaba bategerezwa kubishiramwo uruhara ntangere, ndetse umunyagihugu wese afise amakuru ku bijanye n’urwo rudandazwa rw’ibiyayuramutwe, agashobora kuyatanga, kugira ubutungane buyakorereko nk’uko umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye yabiyaze n’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara.
Mukamenya ko urudandazwa rw’ibiyayuramutwe rwaviriwe hasi n’amareta atandukanye, mu ntumbero yo kuruhasha burundu, ariko abarugira nabo, bakaba batora ubuhinga bushasha uko bukeye uko bwije uko urwo rudandazwa borugira baciye mu ryahumye abajejwe uruja n’uruza, ndetse hakaba hari n’abarutekera mu mibiri yabo, canke bakihindura abakozi b’Imana, kugira ntibasakwe.
Aristide Nizigire