Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya bwafatiwe ibindi bihano bikomeye
Uburusiya bwafatiwe ibindi bihano bikomeye
mercredi 30 Mukakaro 2014
Umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vy’Uburayi wafatiye Uburusiya ibihano bikaze kubera imfashanyi igihugu c’Uburusiya giha abarwanya Reta muri Ukraine.
Bimwe mu bihano vyafatiwe Uburusiya ni uguhagarika icuruzwa ry’ibirwanisho, ibindi bizohagarikwa akaba ari ibikoreshwa mu buhinga ngurukanabumenyi bujanye n’amasoko ntanganguvu. Amwe mu mabanki ya Reta y’Uburusiya azirukanwa ku masoko mpuzamakungu y’ubudandaji yo mu bihugu vya buraya.
Nk’uko BBC dukesha iyi nkuru ibivuga, n’amatunga y’abandi bantu bakorana n’umukuru w’igihugu Vladmir Putin azofatwa, bongere banabuzwe gutembera mu bihugu bigize uwo muryango w’ibihugu vya buraya.
Umuryango w’ibihugu vya buraya umenyesha ko ugiye kwihutira gushira mu ngiro ivyo bihano, mukaba mwomenya ko n’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika kimenyesha ko kigiye gufatira Uburusiya ibihano nk’ivyo.
Egide Nduwimana