Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya bwashavuriye bikomeye igihugu ca Turkiya
Uburusiya bwashavuriye bikomeye igihugu ca Turkiya
mercredi 25 Munyonyo 2015, par
Indege y’ingwano y’Uburusiya yo mu bwoko Su-24 yarashwe iri mu kirere ca Syria, ivyababaje umukuru w’igihugu c’Uburusiya yabiteye ivyatsi kandi akavuga ko ababajwe n’iryo raswa na Turkiya ry’indege y’intambara y’igihugu ciwe.
Umukuru w’igihugu Vladmir Putin yamenyesheje ko ivyabaye bifatwa nk’ugusogota inkota mu mugongo Uburusiya. Iryo raswa ry’iyo ndege rikaba ryakozwe n’abashigikiye abakora iterabwoba. Vladmir Putin amenyesha ko ivyabaye bizogira ingaruka zikomeye cane.
- Vladmir Putin, umukuru w’igihugu c’Uburusiya
Ku ruhande rwa Turukiya, ico gihugu kimenyesha ko indege z’intambara z’ico gihugu zarashe iyo ndege y’Uburusiya zimaze kuyigabisha kenshi ko yavogereye ikirere ca Turkiya.
IGIHE
Messages
27 Munyonyo 2015, 03:29, par bobo
Abobamenja ba usa nibo babikoze mugabo barabuze aho bakinira uburusiya ntibabufate nkuburundi ndazi abarusiya sabana bazotegetezwa kwihora