Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uburusiya bwatanguye gukura abasirikare babwo muri Siria
Uburusiya bwatanguye gukura abasirikare babwo muri Siria
mardi 15 Ntwarante 2016, par
Iyo ngingo y’ugukura abasirikare b’Uburusiya muri Siriya ifashwe inyuma y’umunsi umwe gusa umukuru w’igihugu Vladmir Putin amenyesheje ko abo basirikare bagiye gukurwayo kuko ihangiro ryatumye bajayo barishitseko.
Amakuru dukesha BBC avuga ko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya bumenyesha ko indege ziri muri Syria ziriko zirapakirwa ibikoresho bigiye gusubizwa mu Burusiya.
Umukuru w’igihugu Vladmir Putin yavuze ko isekeza ry’ibitero vyakozwe mu ntumbero yo gushigikira umukuru w’igihugu Assad ryatumye ibintu bihinduka, ku buryo habonetse akaryo keza ko gutangura ibiganiro vy’amahoro.
Ibihugu vya Buraya na Amerika ariko vyakiranye ubwitonzi ayo makuru y’Uburusiya yo kuva muri Syria.
Umukuru w’igihugu Barack Obama yavuganye na mugenzi we Vladmir Putin, aho yashimikiye ku kwerekana ko hakenewe ubutegetsi mfatakibanza muri Siria.
Tukakamenyesha ko Reta ya Syria ihakana ko hoba hari ico yoba yapfuye na Reta y’Uburusiya.
IGIHE
Messages
15 Ntwarante 2016, 17:46, par Ngendakuriyo Elyse
iyoba abazungu bose bakora nk’uburusiya,amahoro kwisi yoboneka
15 Ntwarante 2016, 19:23, par MPORANIZIGIRA Alain-Josué
Vladimir Putin niwe mukuru w’igihugu mbona ko akora ibintu ku rutonde kandi mu kuri kurusha abanyaburaya n’a américain.