Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo abigeme bomenya ko abasore bavugishije ukuri mukubasaba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Uburyo abigeme bomenya ko abasore bavugishije ukuri mukubasaba (...)

Uburyo abigeme bomenya ko abasore bavugishije ukuri mukubasaba urukundo

jeudi 11 Mukakaro 2013

Birashika ko umuntu agusaba urukundo maze ukarumwima kuko atarukundo umufiseko, canke ukarumuha kubera impuhwe umufitiye, ndetse ari naho ukunda umuntu kubera ibintu wamubonyeko, ukamukunda ku bw’amafaranga wamubonanye, ariko mu vy’ukuri atarukundo umukunda.

Mu bihugu vyateye imbere ho bisigaye ari ikibazo gikomeye, kuko umuntu arashobora kukwikundishako mu ganshinga urugo ariko atarukundo na ruto agufitiye, ariko inyuma yaho, agatangura kurondera imvo zotuma mwahukana hanyuma intumbero yiwe akayishikako agafata amwe mu matungo yiwawe agatwara ayahawe n’amategeko.
Hari ibintu umuntu yoshingirako kugira urabe umenye ko vyukuri ukwiyumvira ko mwohebana ndetse ukabishira no mu ngiro vyoba vyavuye ku mutima, haba mu Burundi canke mu bindi bihugu :

1.Uburyo abikubarira ni kimwe mu vyokwereka ko avugisha ukuri.

Ntiwopfa kumenya ko umuntu akubwiza ukuri ariko raba icubahiro, ukwiyorosha n’agaciro abivuganye. Niyaba agusavye urukundo yiyemeye cane, asa nk’uwugutegeka, burya aba akubeshe.

2.Ahantu abikubwiriye hashobora kukwereka ko urukundo arukeneye vyukuri.

Nk’iyo agusavye urukundo, akarugusaba imbere y’abantu benshi bakuzi kandi nawe bamuzi hari amanota aba yongeyeho kurusha aho yogusabiye urukundo mu mpisho. Kandi, hari ahantu haba hadakwiriye kuvugirwa amagambo meza y’urukundo.

3.Igihe abikubariye, kuko hari igihe kitaba arico gusaba urukundo.

Akarorero, nk’igihe agusanze uri kukigandandaro c’umuntu wawe canke c’uwundi akahagusabira urukundo, urumva ko ariko arakugushinyagurira. Canke akagusaba urukundo mu gihe yaborewe, urumva ko akubwira ibadatonze k’umurongo kandi bidahwanye.Muri icogihe, avuga ibisunitswe n’impwemu vyose kandi bitaroranye
Ikintu cose kigira umwanya waco niyo mpamvu n’umuntu ugusaba urukundo adategerezwa kugufatira aho akuboneye hose.

4.Imvo yamuteye kugusaba urukundo ningombwa kuyimubaza

Ukamubaza ica mutumye agana wewe n’impamvu yumva yipfuza ko urukundo rwanyu rwobaho. Ukamenya nimba ari urukundo rwa kanya gato canke urukundo rugiye kubandanya gushika urupfu rubatandukanye. Mu gihe wumvise ko impavu zo mutumye aza kuri wewe zidafadika, vyiza womusezera ukamubwiza ukuri ko bidashoboka.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.