Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo bushasha bwa "Eco Cash Nshasha" bwatangujwe na Leo na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Uburyo bushasha bwa "Eco Cash Nshasha" bwatangujwe na Leo na (...)

Uburyo bushasha bwa "Eco Cash Nshasha" bwatangujwe na Leo na Econet

vendredi 20 Ntwarante 2015

Ubugeni bw’amashirahamwe ya Leo na Econet burabandanya, uburyo bwoguhanana amahera biciye muri za ngendanwa"Leo Manoti"na "Ecocash"bwashizwe hamwe buvyara "Eco Cash Nshasha". Guhanahana amahera bigiye kworoha cane, amahera agiye gushikira umuntu wese aho yibereye.

Imbere y’abagwizatunga bikorera ivyabo canke abaserukira amashirahamwe, amabanki, ubuyobozi bwa Leo na Econet bwashize ku mugaragaro uburyo bushasha bwo guhana amahera kuri za ngendanwa bise "Eco Cash Nshasha". Laurent NDAYIKEZA ajejwe uwo mugambi mushasha ati:" Eco Cash nshasha izanye uburusho gusumba ecocash yahahora. Abanywanyi ba Leo na Econet bazoyikoresha bose’’.

Ecocash nshasha igiye kworohereza abanywanyi kuko umunywanyi arahabwa i "compte"ngendanwa, iri muri ngendanwa yiwe, ashobora kuyishirako amahera(versement) n’uko ashobora kuyakurako(retrait), ashobora kuriha ivyo yafashe aho ari hose". Uburyo bwa Eco Cash nshasha bukwiye Uburundi bwose, eka n’amakungu arimwo mu buryo bwo guhana amahera bushasha. Laurent NDAYIKEZA avuga kandi ko abanywanyi ba Leo na Econet bazoshobora kurungikirwa amahera n’abantu bari mu makungu, nk’uko bashobora kuyarungika. Umugambi uzotangurira mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

JPEG - 5.7 Mo
Laurent NDAYIKEZA

Mbega Ecocash nshasha yoba ije kurwanya amabanki?

Laurent NDAYIKEZA ati:" Uburyo bwa Eco Cash Nshasha ntibuje gusubirira canke kurwanya ama banki, ahubwo buje kwuzuzanya n’ayo. Wa munyagihugu yahora atinya kwuguruza "compte"kubera amahera menshi bisaba, umwe yahora agogwa n’urugendo rwo kuja iyo ama banki agiye kworoherwa. Muri Ecocash Nshasha, umuntu ashobora gushira kuri compte yiwe amahera angana igihumbi. Ivyo nta banki zibikora".

Uwukoresha ubhinga bwa "Eco Cash" Nshasha ntiyibwa amahera ari muri ngendanywa yiwe biri mu buhinga bukingiwe. Ecocash igiye kwigishwa mu gihugu cose nari ryaLeo Manoti na Ecocash ya kera vyahorana abanywanyi biyandikishije bashika 400 000.

Abanyamitahe bari bitavye ivyo birori vyo kwugurura "Eco cash Nshasha" baronkejwe umwanya wo kubaza ibibazo. Hari abatahukanye ubushimwe butandukanye nk’amatara, amatelephone, inyabwonko(computer) n’ibindi biciye muri Tombola yakoreshejwe.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.