Accueil > Imico kama > Umuco > Uburyo butandukanye umukobwa yokoresha mu kuresha umuhungu
Uburyo butandukanye umukobwa yokoresha mu kuresha umuhungu
mercredi 6 Ntwarante 2013
Nk’uko bisanzwe bivugwa, umugenzo wo kuresha abagabo bikozwe n’ igitsina gore, si ibintu vyo mu Burundi, naho benshi mu rwaruka rw’ubu berekana ko ahubwo ari bimwe mu bitanga amahirwe yo kuronka umukunzi akwiyumvamwo nawe wiyumvamwo.
Hari bimwe twabasomeye ku muhora wa internet witwa www.en.allexperts.com ku bijanye no kuresha abagabo, bimwe muri vyo harimwo ;
kwiyumvamwo ko wikunze wewe nyene ubwawe
Harimwo kwigirira icizere kandi ukumva ko uri mwiza wewe ubwawe, atawundi wigereranijeko. Ubu ni bwo buryo bwa mbere bugufasha gushobora kuresha umuhungu.
kwitaho umubiri
Ibi ntibisigura kwikora birenze urugero canke kwambara impuzu zihambaye. Iyo wambaye impuzu zisanzwe, ukaba uberewe biba bikwiye kugira umukunzi wawe abone ko uhimbaye.
Kwiyorosha, ku mutwenza no kumutwengera
Uri imbere y’umuhungu, ukwiye kwumva ko ufise amahoro, ukeye mu maso, ntiwiyoberanye kugira ngo abone ko umwiyumvamwo, kandi ko ataco umuhishije hakiyongerako no gutwenga, kuko kumwenyura biri mu bintu bikuru biresha abagabo.
kumubwira ko ukunda imico yiwe kandi ugahora umuha impanuro zo mu buzima
Birakwiye kumwemeza ko umukundira imico yiwe yaba myiza canke mibi, ukamuha n’impanuro zitandukanye zo mu buzima, kugira akerebuke naho wewe atavyo woba ukurikiza.
Gukoresha ijwi risendereye
Uriko uravuga, ukwiye gukoresha ijwi riri hasi, ritari hejuru, mu majambo ukumva ko harimwo kurandira ariko bitari ivya cane gose. Ivyo ukabikora igihe uriko uraganiriza umugabo canke umuhungu.
Gukoresha ibimenyetso
Igihe cose ushaka kugira ico umubwira, ushobora nko kumwicira akajisho, kumukubita agashi n’ibindi. Ibi bituma akugirira amakenga kandi akagukurikirana.
kuvuga make
Ni vyiza kuvuga nk’inkuru uzica hejuru, kuko bituma umuhungu yipfuza kumenya ibikurikira ikindi gihe akazobikubaza. Muvyo uvuga, wokwirinda kwivuga nabi.
Ibi rero bishobora kuguha amahirwe nk’ umukobwa, yo kwigarurira umuhungu wumva ushaka ko muvyumva kumwe, kuko inyuma yo kubona ko afise uko asigaye akwiyumvamwo, ushobora kumubwira noneho ko umukunda, ariko igihe cose uzobona atishimiye ivyo wagize kuva kuntango nta mpamvu yo guhatiriza.
Jean Michel Ndayikengurutse
Messages
6 Ntwarante 2013, 06:39, par Alice Uwayo
Nagire ndasabe kubijanye n’abigeme muvy’urukundo turavyumvise,none mwodufasha muka tubwira ivyerekeye urukundo rw’umugabo n’umugore kugira rukomere umuntu yokora iki?kandi hari ahantu ntategereye uti wokwambara gute canke nagira igikenewe n’isuku kuko mubagore canke abakobwa hariho abatagira isuku ryo ku mubiri none abobo mubahanura iki?Murakoze cane nizere natweko muzotubwira urukundo rw’umugabo n’umugore ukuntu rwokomera kuko namwe murabona ivyubu ukobimeze.murakoze Imana ibahezagire.
6 Ntwarante 2013, 09:04, par yeriane
nukuri iyi site yanyu turabona iduha inyigisho zikomeye rwose ibintu muvuga birumvikana kandi bihindura benshi murakoze cyane nabo imahanga turabakurikira umwanya ku mwanya kuko ubu ndi umunyarwanda kazi uba muri venesuella ok Imana ibahe umugisha cyane muramutse umunyamakuru wanditse inkuru ivuga ngo ibintu icumi byingernzi murukundo kuko aratwemeza cyane mu nkuru ze muge muduha addresse zabanyamakuru banyu nka imail cyangwa facebook
7 Ntwarante 2013, 01:13, par dudu sandra
Turanezerewe cyane ku mpanuro muduha.
17 Ndamukiza 2015, 22:29, par KWIZERA ERADE
JEWE DUMUHUNGU NARABUZE .UMUKOBWA,TWOKUNDANA’NO NENGIREGUTE
17 Ndamukiza 2015, 22:33, par KWIZERA ERADE
JEWE DUMUHUNGU NARABUZE .UMUKOBWA,TWOKUNDANA’NO NENGIREGUT
2 Ruheshi 2015, 21:54, par Aimé Matthias
Murakoze mur’abahanga merci beaucoup je suis dela RDCongo
18 Ruheshi 2015, 22:06, par Kayiranga Pacifique
Jewe Narabuze Umukobwa Twokundana None Ngire Gute?
11 Kigarama 2015, 07:40, par William
Aho Ntakuri Kurimwo. Mbe Wokora Iki Kumuhungu Ngo Agukunde? Usanze Yifitiye Uwundi Yimvamwo Naho? Ivyo Ntibikunda.
9 Nyakanga 2016, 23:59, par Ngendakuriyo Zerbabert
Jewe Iciyunviro Canje.Nuko Nkabakobwa Bagize Ngo Bagire Uko Ntawosigara.
2 Gitugutu 2016, 15:01, par Mugisha
Noneyokuresha.Agutwara Iwiwe?Nyamukobwa
2 Gitugutu 2016, 15:02, par Mugisha
Noneyokuresha.Agutwara Iwiwe?Nyamukobwa
5 Myandagaro 2017, 06:01, par Bibonimana Joachim
none Nkomugihe Uwo Mukobwa Akureheje Uri Umuhungu Mugabo Ugasanga Ntumwiyumvamwo Kandi Uwo Mukobwa Agukunda Cane Vyohava Bikagenda Gut?
8 Rusama 2018, 21:52, par Nduwayo félix cnk
Ikibazo nabaza umukobwa yoza akubwira ngomukunda canke umukunde asanze yakwiyumvisemwo ntumwiyumvemyo vyoca bigenda gute ? Mbega amajambo umukobwa yokubwira yurukundo kugira umakunde atamahera azanye canke ikindi kintu cokwubakira ubuzima vyovahe? Mbe yitoye akaza ntuba uzikimuzanye hari aho usanga ashaka kukwica ngo agomba agukunde wumva woba uzize iki? Burya abakobwo barateye ubwoba naho tubakunda vrement akwipfuje akaza munzira mbi biragora kugira umwemerere ok yari biseka seguye vyanka ndondera imana yabakecuru from cankuzo/gisagara/camazi/bumba/rusigabangazi fait par nduwayo félix alias cardinal
21 Mukakaro 2018, 11:18, par Nduwayo Elyse
None Kugirango Umwigeme Ahute Kukwemera Wokoresha Nkamajambo Ayah?
27 Myandagaro 2018, 23:05, par Nkurunziza Boniface
Jew Naje Naramubuze Umukobwa Twokundana Jew Baranyanka