Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo bwiza bwokorwa mu kwirinda indwara ya kanseri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uburyo bwiza bwokorwa mu kwirinda indwara ya kanseri

Uburyo bwiza bwokorwa mu kwirinda indwara ya kanseri

vendredi 13 Kigarama 2013

Mu matohoza aheruka gushirwa ahabona n’ikigo c’ishirahamwe mpuzamakungu OMS (Organisation Mondiale de la Santé cishinze gukurikiranira hafi indwara ya kanseri, CIRC ( Centre International de Recherche sur le Cancer), vyagaragaye ko igitigiri c’abafatwa n’indwara ya kenseri gitera kiduga uko imyaka igenda.

Mu gihe mu mwaka w’2008 hari hatowe imiriyoni 12,7 z’abantu bafise indwara ya kanseri n’imiriyoni 7 zirenga z’abahitanwe n’iyo ndwara, mu mwaka w’2012 ibitigiri vyaciye biduga, bija ku miriyoni 14,1 z’abatowe bafise indwara ya kenseri, hamwe n’abarenga imiriyoni 8 bahitanywe n’iyo ndwara. Imiriyoni 32 z’abari batowe indwara ya kanseri, mu matohoza yakozwe mu mwaka w’2012, ni abari bipimishije iyo ndwara imyaka itanu imbere bafise kuva ku myaka 15 y’amavuka.

Nk’uko ikigo CIRC kibandanya kibimenyesha, mu vyirwa vyakoze, ibihimba bibangamirwa n’indwara ya kanseri, ni amahaha ku bantu bagera ku miriyoni zibiri, amabere ku bantu barenga umuriyoni umwe n’igice, hamwe na kanseri yo mu mara (Colorectal) ibangamiye abagera ku muriyoni 1,4. Ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere kw’isi yose akaba arivyo bibangamiwe, bivuye kw’igwirirarana ry’abantu, hamwe n’ubusaza kw’isi yose. Bikavurwa mbere ko hamwe hatogira igihinduka, mu mwaka w’2025, indwara ya kanseri ishobora kuzoba yaduze gushika ku miriyoni 19,3 z’abayirwaye.

N’aho amatohoza yerekana ko iyo ndwara ibandanya yiha inkumbi, ikigo CIRC kirahumuriza abayifise n’abatayifise. Gihamagarira abantu kurondera uburyo bwose bushoboka mu kuyirinda. Kimwe mu buryo bumaze kwemerwa n’ubushakashatsi bw’abahinga, mu vyofasha kurwanya indwara ya kanseri, ni mubijanye no gufungura cane ivyamwa n’imboga.

Abahinga muri ivyo, bavuga ko abantu bategerezwa gufungura amagarama 600 ku munsi y’ivyamwa n’imboga. Kuko muri izo mfungurwa harimwo ivyunyunyu bikwiye bikingira umubiri. Nk’akarorero, ivyinyunyu biri mw’ishu, bifise ubushobozi bwo guhagarika indwara ya kanseri yagira ivuke. Hamwe n’ibiri mu bitunguru sumu vyica imigera yose ikomeye yoba iterwa na kanseri. Kubw’ivyo, abahinga mu bijanye no gufungura bahamagarira abantu kwinanata gufungura iminsi yose imboga n’ivyamwa, bigakorwa kandi mu buryo butandukanye ntibagume barya vya bindi nyene.
Ikindi naco, abantu bokwirinda gufungura cane inyama, imfungurwa zo mu magopo, hamwe n’izifise ibinure vyinshi kuko kanseri bise colorectoral usanga iterwa ahanini n’indenzarugero y’izo mfungurwa. Abantu rero boshira imbere imfungurwa inyama zitetse mu mazi kurusha izokeje.

Mwokwibuka ko indwara ya kanseri ari indwara ihitana abagera ku bihumbi 528 kw’isi, aho kanseri yo munsi y’igitereko (col uterin) igira kane muma kanseri ahitana abakenyezi kw’isi, inyuma ya kanseri ya mu mabere, yo mu mara no mu mahaha. Ku mwaka ku mwaka, abakenyezi 22 n’igice ku 100 000, akaba aribo bahitanwa n’iyo ndwara, mu bihugu biri munsi ya Sahara, aho mukibuka ko n’Uburundi burimwo.


Mariella Bukuru

Messages

  • Yoooh ibitigiri vyabicwa niyo ndwara biratey ubwoba. Impanuro yokurya ivyamwa n"imboga ninziza mugabo ngaha muburundi bizokworohera bake kubera ubuken. Izonyama nazo nibinur umunt azirya rimw mumwaka ntaho tuzohurira na canseri

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.