Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo Donnie na Ronnie bavutse bafatanye babayeho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Uburyo Donnie na Ronnie bavutse bafatanye babayeho

Uburyo Donnie na Ronnie bavutse bafatanye babayeho

jeudi 12 Ntwarante 2015

Donnie na Ronnie ni abagabo b’imyaka 64 bavutse bafatanye.Uburyo babayeho n’ubwo bumuga bafise biratangaje.

Donnie na Ronnie bavutse mu mwaka w’1951 mu gisagara ca Ohio muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, bakaba ari abantu ba mbere bavutse bafatanye bashaje kurusha abandi bavutse muri ubwo buryo.

Ubuzima bwa Donnie na Ronnie butangaza abantu benshi cane cane, abaganga mu gihe bavuga ko abantu bavuka gutyo bigorana gukura neza no mu mibereho yabo. Abenshi bafise ingorane ko bibagora gukora igikorwa uri umwe kuko ico umwe akoze bisaba n’uko uwundi agikora, kuko baba bafatanye. Ikintu cose bakora gisaba ko bagikorera hamwe, ari nk’ukuja mu kazu kasugumwe, ukoga, canke kwinjira umuduga.

Ronnie na Donnie ntako batagira kugira bafashanye muri ubwo buryo n’ubwo bibatwara inguvu nyinshi. Igitangaje cane kuri bo ni uko umwe wese afise ukuntu ameze, bafise ivyipfuzo n’ivyiyumviro bitandukanye, mugabo bagerageza kugira ibibahurizako kubera n’ubundi atawushobora gukora ikintu atarikumwe n’uwundi.

N’ubwo abo bagabo bafise ubwo bumuga, baramenyekanye cane mbere biranatuma bibabeshaho mu buzima.Si ivyo gusa, abo bagabo bagiye baboneka mu biganiro vyinshi bitandukanye ku mboneshakure zitandukanye zo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe na mu Bwongereza.

Ubu bafise inzu yabo babamwo, bafashwa n’abo bavukana n’abaganga bama babakurikirana kugira ubuzima bwabo bugume bumera neza.Urukundo bafitaniye abo bagabo hamwe n’ukuntu bumvikana nivyo vyatumye bagira amagara neza.

Raba amasanamu yabo


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.