Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuserukizi bw’Uburundi muri Libye bwugawe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuserukizi bw’Uburundi muri Libye bwugawe

Ubuserukizi bw’Uburundi muri Libye bwugawe

vendredi 30 Rusama 2014

Reta y’Uburundi yafashe ingingo y’ukwugara ubuserukizi bwayo mu gihugu ca Libye ku mvo z’umutekano. Mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bmenyesha ko bazosubira kwugurura nibabona umutekano wifashe neza.

Abakozi b’ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Libye basabwe kugaruka mu Burundi kuko ubwo buserukizi bwugawe vy’agateganyo ku mvo z’umutekano. Mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bamenyesha ko amakete asaba ko abo bakozi kugaruka yabashikiriye kuva kw’igenekerezo rya 23 Rusama 2014. Ubwo buserukizi bukaba buzosubira kwugururwa umutekano muri ico gihugu niwagaruka.

Mwomenya ko n’ibindi bihugu vyari bisanzwe bifise ubuserukizi muri Libye vyamaze gutumako abakozi bavyo, abandi nabo bakaba bungururijwe gukorera mu bihugu vyegereye Libye nka Tunisie, Algerie.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.