Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Ubushikiranganji bubiri bwagabishije abadandaza bahenda abanyagihugu
Ubushikiranganji bubiri bwagabishije abadandaza bahenda abanyagihugu
samedi 27 Nyakanga 2014
Mu gihe umwavu uriko uratangwa mu Burundi bwose, ubushikiranganji bw’intwaro ibereye bwifatanije n’ubw’uburimyi n’ubworozi baragabisha abadandaza bariko barahenda abanyagihugu bakabagurira uwo mwavu kandi kizira.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubwo bushikiranganji bwose ukwo ari bubiri, ababurongoye basaba abanyagihugu kurikanura, ntibahendwe n’abadandaza. Ubwo bushikiranganji buributsa ko igiciro cashinzwe mu kugura umwavu w’ikizungu kizwi kandi ndetse ico giciro cumvikanyweko, bagasaba abanyagihugu kudahendwa n’abadandaza kugira ejo aho bukera baze bagaruke kugura uwo mwavu kandi ku mafaranga menshi.
Amatoni agera ku 16395,9 ariko aratangwa mu gihugu cose, ariko ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bukaba bwagumanye amakenga ku badandaza bahenda abanyagihugu, arico gituma ubwo bushikiranganji bwari bwatabaje ubw’intwaro yo hagati mu gihugu kugira bubafashe gutuza iyo ngeso mbi y’abadandaza. Mukamenya ko yaba .ubushikiranganji bw’intwaro ibereye canke ubw’uburimyi n’ubworozi bwose bugabisha abo badandaza ko ifumbire izofatwa bazoca bayisubirana mu bushikiranganji bw’uburimyi mu nyuma ikazoca idandazwa izuba riva, amafaranga azovamwo nayo, akazoca ajanwa mu kigega ca Reta.
Abanyagihugu basabwa kumera magabo, badome urutoke kuri abo badandaza bose bazobona bariko baragurira umwavu abanyagihugu, kugira babahashe atakigongwe.
Aristide Nizigire
Messages
28 Nyakanga 2014, 07:39, par ninjimbere olidia
bt ndahanura badandaza bahenda banyagihugu barek kubahendakuko bamenyeko uko ari ukugururira ubukene mugihuga nibabareke bayikoze icoyagenewe uwofatwana weyagurishijenuwaguzebagahanwa