Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ubushikiranganji butatu bugiye kwigira hamwe ikibazo c’abaririmvyi bahunze (...)
Ubushikiranganji butatu bugiye kwigira hamwe ikibazo c’abaririmvyi bahunze igihugu
vendredi 6 Ruhuhuma 2015
Ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imicokama bwaviriye hasi ikibazo c’abaririmvyi bahunze igihugu kubera umutekano muke wabo. Ikibazo kigiye kuva mu minwe y’ubwo bushikiranganji kibarizwe no mu bindi bisata biraba umutekano w’abanyagihugu.
Ikiganiro Adolphe Rukenkanya yatanze ku bamenyeshamakuru cari gihagaze ku baririmvyi bahunze igihugu kubera umutekano muke. Ku bw’umushikiranganji Adolphe Rukenkanya, ikibazo ca Mkombozi, umurwi Lion Story na N John bivugwa ko bahunze, agiye kuzokivugana n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’uwumutekano.
Uwo mushikiranganji avuga ko atazobuza ubutungane gukurikirana umuririmvyi kanaka, umukinyi canke uwundi wese mu gihe hari ico ubutungane bumukeneyeko. Ku ruhande rw’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, Rukenkanya azobaza ko hari ico ubwo bushikiranganji bwoba buzi kwihunga ry’abo baririmvyi. Inyuma yaho, yemera kuzotanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru.
Asaba abarongoye ibisata bitandukanye vyo mu bushikiranganji arongoye ko umwe wese yokurikiranira hafi ibibazo bivugwa mu gisata ciwe kugira ntibize bimenyekana amazi yarenze inkombe kandi bagirane imigenderanire ikwiye n’abo igisata cega bose.
Mwomenyako abaririmvyi bagizweko itera bwoba n’abantu bataramenyekana bazira indirimbo zabo:Mkombozi yoba azira ururirimbo "Nzeyimana", umurwi Lion Story bazira "Rekura Umu Raster" na N John Melodica azira ururirimbo "Ndasavy’Ijambo".
Umviriza indirimbo zatumye abo baririmvyi bahunga
1) Rekura Umu Rasta na Lion Story
2) Nzeyimana na Mkombozi
3) Ndasavy’Ijambo na N John Melodica
Cherif Nkeshimana
Messages
9 Ruhuhuma 2015, 11:55, par fiso
hiiii ntibababeshe ngo muhunguuuke baca babakuramwo iyo ni politique ya pieter nimwigumire mukinyegero mugataha baca babakerera ndake