Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’amashuri y’intango n’ayisumbuye bwatanze itariki yo (...)
Ubushikiranganji bw’amashuri y’intango n’ayisumbuye bwatanze itariki yo guherezako ibikorwa
jeudi 16 Mukakaro 2015
Ubushikiranganji bw’inyigisho mu mashuri y’intango n’ayisumuye,bumenyesha ko kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro ibikorwa vyose bijanye n’amashuri mu Burundi bizoba vyarangiye.
Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuwa gatatu igenekerezo rya 15 Mukakaro 2015,umuvugizi w’ubushikiranganji Juma Edouard ,yamenyesheje ko ibibazo vyose bitanga uburenganzira bwo kwunguruzwa bizokorwa kuri abo bose batabikoze kubera imyiyerekano yabaye.
Juma Edouard yavuze ko ku batakoze ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashuri yisumbuye,abari mu gihugu canke mu makambi y’impunzi bazogikora kw’igenekerezo rya 6 Myandagaro.
Ku kibazo gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza,Juma Edouard yavuze ko imyiteguro igeze kure,kandi ko ico kibazo kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 6 Myandagaro.
Ubushikiranganji bw’amashuri y’intango n’ayisumbuye arashimira amashuri yamaze kurangiza intonde z’ivyigwa yaba ayari mu gisagara ca Bujumbura canke mu gihugu hagati.
IGIHE
Messages
16 Mukakaro 2015, 14:43, par Ngoma
Igihugu c’abarwayi badashoboye no gutunganya amashure. Aba DD muri incarnation du mal. Nta gihungu kw’isi giterera abana mw’ibarabara kiba girongowe n’abantu bakwije ubwenge. Nkurunziza n’akarwi kiwe ni muje kwivuza mwaramaze guta igihugu mu manga. Ariko ingorana yanyu n’uko mutazi kandi mutemera ko murwaye.
17 Mukakaro 2015, 10:34, par aime mugisha
mb ivyo kwiga muburundi ntivyabay ivyatsi?ubu s,ukwiga n,ugucishako.j ubutegetsi budahinduts mbona atavyo kwiga,kumenya wize ibice2 gusa?!n,agasema
10 Myandagaro 2015, 08:19, par Innocent Manirakiza
None Ko Twumvise Ko Ibikorwa Vyamashure Matomato Nayisumbuye Bizorangira Ku Wa20/8/2015 Umwaka Wishure Uzotangira Ryari?
6 Nyakanga 2015, 20:36, par Hygue nicogihe
Mbe uburund mubon buzodushikanah?twig kugir tumarik?
7 Nyakanga 2015, 15:56, par Luc
Ewe ngoma uri ikigwarudubi!aka kanya uribagiy ko ababuza abandi kuja kwiga ari wew ,pacifik na vital?intimenya niyo ntiregura kweri!!!!!