IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’imigenderanire: Inzego zibijejwe nizo zizokuraho (...)

Ubushikiranganji bw’imigenderanire: Inzego zibijejwe nizo zizokuraho impari

jeudi 23 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha abarundi n’amakungu ko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ari rwo rwego rwonyene rushobora gukuraho impari ziriho, muri kino gihe zijanye n’ingingo zimwe zimwe zo mw’ibwirizwa nshingiro zidasomwa kumwe.

Mw’itangazo basohoye kuri uno wa 23 Ndamukiza uno mwaka, iminsi ibiri gusa imbere y’uko ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD-FDD riba , Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko burajwe ishinga n’umwitwarariko w’abo bose bariko bahamagarira iyubahirizwa ry’ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano y’ i Arusha, mu ntumbero yo gutegura amatora yigenga ,arimwo bose ,arangwamwo umutekano ,intwaro rusangi kandi akozwe mu muco.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire no gufashanya hagati y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko Reta y’ Uburundi, yiyemeje kubumbatira intwaro rusangi hamwe no kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Muri iryo tangazo kandi bagaruka kwerekana ko ibwirizwa nshingiro ryanditswe mu kiringo c’imfatakibanza , Ku vyerekeye impari zihari zo kudasoma ingingo zimwe zimwe ziri mw’ibwirizwa shingiro nk’ingingo ya 96 na 302 ari nazo zerekana ingene umukuru w’igihugu atorwa, Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bubandanya bwerekana ko ivyari mu masezerano y’i Arusha vyashizwe mw’ibwirizwa nshingiro, bisigura ko ibwirizwa shingiro riri hejuru y’amasezerano y’ i Arusha.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’ Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha aburundi n’amakungu ko sentare yubahiriza ibwirizwa ishingiro arirwo rwego rwonyene rushobora gusigura ibwirizwa nshingiro nk’uko ingingo ya 228 mu gace kayo ka gatatu, k’iryo bwirizwa nshingiro nyene. Bakavuga ko iyo ngingo yunganirwa n’iya 225 yo muri iryo bwirizwa nshingiro nyene, nk’uko babandanya babishikiriza muri iryo tangazo.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu busaba amakungu yafashije cane mu biganiro vyatumye Uburundi buronka amahoro, kuguma hafi ya Reta, hamwe no kubashigikira mu mfashanyo zose zikenewe kugira amatora Uburundi bwimirije aze agende neza.


Floxella Karire

Messages

  • Emwe"KANANIRA ABAGABO NTIYIMYE" kandi ngo "AKATARETSE KABA GASEMA".
    Ubu mwigira ibihangange bose babatinya ariko umusi kaneze,muzobundabunda,mugihe abandi bazoba bagenda bemye.

  • uko niko uvyiyumvira, ariko siko biri

  • Ubunushikiranganji buvuzukuri, bamwe mubahanagarira abantu kujakwiyahura baragize uruhare rurerure mugushira amasezerano yi Arusha mwibwirizwashiniro ryu Burundi, murindirerero bazomaramare ariko kwitura ubutungane bwubahiriza ibwirizwashingiro nicokizokwerekana komwikunda mugakunda nabandi tutinagiweko muzobamwerekanyeko ayomategeko mwirirwamuraririmba komuzi komuzobamuyubahirije, bitabayivyo murawunwa ntakabuza, muhirwe mubemuzikwoga Tanganyika ahandi murasomanturi.

  • @Nuwera
    "mwirirwamuraririmba komuzi komuzobamuyubahirije"
    Subira mw’ishure bakwigishe kwandika ikirundi, hanyuma ugaruke kuvuga ayamuhe hano uzi kwandika! Urabona ivyo wandika ingene bimeze!

  • @ Bakari, jewe narigeze ndakubwira kwarivyase bikunze usome ivyonanditse! Ndagusavye ivyonanditse ubibonye uzoze urabirekakubisoma kuwubonye igi Swahili ahocanditse atazikugisoma araheza akareka kugisoma maze akarondera izindindimi azigusoma agasoma, urumvarero ndabonako iyontambara ushojeje itagira umutwe namaguru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.