IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubushikiranganji bw’umutekano buravuga uko ibirwanisho bimaze gufatwa (...)

Ubushikiranganji bw’umutekano buravuga uko ibirwanisho bimaze gufatwa bingana

lundi 9 Munyonyo 2015, par egide

Ubushikiranganji bw’umutekano w’Uburundi bwashize ahabona ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere igitigiri c’ibirwanisho bumaze gufata muma zone ya Mutakura na Musaga. Ubwo bushikiranganji burashima uko ibikorwa biriko biragenda.

Ku munsi ugira kabiri inzego z’umutekano zitanguye ibikorwa vy’ukwaka ku nguvu ibirwanisho abanyagihugu bafise batabifitiye uruhusha, ubushikiranganji bw’umutekano burashima ibimaze gukorwa muri ivyo bikorwa vyatanguriye muri Mutakura, zone Cibitoke.
Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye kuri uwu wa mbere, bamenyesha ko aho ku Mutakura hafashwe ibisasu bibiri vyitwa roquette, inkoho imwe yo mu bwoko bwa G3, inkoho 14 zo mu bwoko bwa Kalashnikov, inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Pistolet, amagerenade cumi hamwe n’amasasu hafi amajana atatu n’ibikono vyayo.

Ico gikorwa cabaye kandi muri zone ya Musaga ahafashwe inkoho zibiri zo mu bwoko bwa kalashnikov, hamwe na gerenade imwe, nk’uko vyemezwa n’ubushikiranganji bw’umutekano w’Uburundi.

Muri iryo tangazo, bavuga ko ivyo bikorwa biriko biba mu mutekano ntangere, ariko abanyagihugu bo mu bice vyasatswe bakavuga ko babujijwe kwinjira mu mihana iwabo mu gihe bari bavuye gusuma, abandi nabo bavuye ku mirimo ya minsi yose.
Muri zone ya Musaga haravugwa abantu batatu bapfuye barashwe n’abaporisi, ariko mu giporisi bakavuga ko hapfuye umuntu umwe yagirijwe ko yari umugizi wa nabi yateye gerenade abajejwe umutekano, agira asubire gutera iyindi abaporisi baca baramurasa.

Igihe yaja ku Mutakura kuri uwu w’Imana gutanguza ibikorwa vy’ukwaka ku nguvu ibirwanisho biri mu banyagihugu, umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni yateye akamo abanyagihugu bahunze ko bogaruka mu mihana yabo, asaba abasigaye ko bocungera neza ingo z’abagiye, kugira ntihagire abasuma bikika mu kiza bagasahura.


IGIHE

Messages

  • guillaume bunyoni ko ubesha abarundi ngo ushunzwe umutekano none Rodrigue bunyoni we ashinzwe iki mu burundi ko ari mwene wanyu ko utamubwira ko yohunguka? murafatanyije mubwicanyi buriko burakorwa mu burundi ntutubeshye

  • guillaume bunyoni ko ubesha abarundi ngo ushunzwe umutekano none Rodrigue bunyoni we ashinzwe iki mu burundi ko ari mwene wanyu ko utamubwira ko yohunguka? murafatanyije mubwicanyi buriko burakorwa mu burundi ntutubeshye

  • Iyo ni perte de temps kuko ntikizobuza abagandagugwa kugandagugwa, kuko abatari bake babandagugwa n’igipolisi kirongowe na Nkurunziza.

  • Nda Shimiye Igiporisi Kugikorwa Ciza Bakoze Nikoreze Aho Babasake Tubari Inyuma

  • Twarabahinye vangaho,mwobitora hehe?mujana ivyo rwanyu hama ngonivyo mwatoye murahumba turababona tu!!

  • Iyo Mvugo Y’igiporisi Turayimenyere Abantu Barapfa Ngo Hapfuye Umwe Abaporisi Hama Hapfa Umwe Gusa.Nibabe Batubwiza

  • Iyo Mvugo Y’igiporisi Turayimenyere Abantu Barapfa Ngo Hapfuye Umwe Abaporisi Hama Hapfa Umwe Gusa.Nibabe Batubwiza Ukuri

  • Nyakubahwa Bunyoni ikomerere kubikorwa vyiza uriko uturangurira mwico gikogwa,kagame uti si RDC yibijuju itagira abayikontorora ubukoho aburungika tubufata uburundi ababukunda turivyatsi abashaka kubuta mumanga nakatsi gasokotse kunzu akonako kazotwagwa numuyaga no kwakagame ngo ba!

  • Bunyoni mwena``MUZEHE jugajuga nka yajuru izongingo muzifashe hageze hariho imburakimazi kuvakera barya amagara(inguvu)yabo bakoresha gusubira aho mwahora amase yakera ntagihoma urutaro aho gufata isuka kagame abaha imbunda arabashuka nabatware RDC mwidahire ah’iwacu kagame uti imbwa mugupfa iziba izuru.

  • nivyiza nibabandanye gusaka umutekano ugaruke hose nkizindi ntara zose zigihugu cose hama amakungu akokeza bareke dutunganye igihugu cacu imana ijimbere abarundi bose pezida wacu nawe akomere imana imuri imbere

  • ntantambara abanyagihugu beshi bagishaka nkakarorero ino mu cibitoke,ibuganda twararahiye ntamurwanyi dukeneye kubutaka bwacu basume barenga.abazobacumbikira kazikabo twebwe twararushe kubera intambara.

  • Komera PNB izonyanka burundi niziteshwe zite kuko amase yakera ntagihoma urutaro mwihangane kubibazo mumazemwo amezi ndabasavye kuvumilia

  • Mwese muriboneye ko ibirwanisho vyose babifashe,hirya yejo inkoho zivuze ntibazohakane ko atari imbonerakure/police/canke interahamwe zarashe. Ntihagire umunya mutakura, cibitike, musaga.. bongera kubeshera ngo yarashe

  • Wipi ndaguye ndagarutse twebwe twarikimwe ninterahamwe bavuga iringala gusa kandi ivyo bikoresho mubona nitwebwe imbonerakure babiduhaye baca barabifotora kandi uwatanze iryo tegeko ni alain guillome abantu bapfuye nibenshi kandi barashwe nigiporisi bambarira ngo ndanse nkatinya kwica umuntu nkaca ndasa kuruhande kugira yiruke mugabo nyuma bambariye ati barankorerako niho hamara akanya abantu bene amazu batangura kuz, ivyo niboneye n’amaso yanje abaporisi n’abasirikare baciye baja mumazu yabenegihugu batangura gusagata arinaryo jambo ryakoresgejwe ntibabahende ubu hari uwundi mugambi batanguje kuri RTNB w’irementanya ngo bagirize abatavuga rumwe na RETA bakaba bagiye gufata amasanamu yabantu bagiye barafata bari mubibanza bitandukanye bakabemerera ko baca babarekura kandi bakabaha n’amahera rero muragaba RETA yahagurukiye guhonya abarundi.

  • Murihenda gose kuko Nkurunziza we ntashobora gwara ubwagatatu, ahubwo mumara umwanya wubusa ikindi naco Nkurunziza ntawumuhora ubwoko ivyo twarenganye hazoza uwundi muhutu atware arikowe ntibigukunda benewacu reka turindire ariki reta yiwe yiwe ntakazoza ifise

  • COURAGE BATAMA,MUBIKUREYO VYOSE,ABARUNDI TWESE TURUHUKE IMITIMA.MERCI

  • ntavyo mwatoy muragatorwa umunigo.turaziko arivyo muza mwizaniy

  • hmmm ivyo mukora vyose polisi ya nkurunziza nireke kwica abenegihugu umupolisi muzima arafata umumama akamugandagura akamujugunya mwibarabara umenga ninterahamwe bambitse impuzu zabapolisi birateye isoni basha.

  • uwo yiyita burundi kwavuga ngo imbonerakure nabapolisi nibo bamubwiy ngo aze ararasa abantu wewe yemereye ik?ahubwe narek kubeshera inzego twitoreye ntabantu zica ariko zipfuza kubakingira abasi nabo bagashaka kuburaguza leta mugabo ntankeka leta yacu ihagaze neza mugukunda abantu bayo.baba abahutu-abatutsi-nabatwa. twese turibeneburundi.

  • abashatse guhirika ubutegetsi bwanyenicubahiro nuguhanwa bimwe bikomeye kuvyerekeye ibirwanisho naco bandanya mubibake ntitugikeye gusubira gurara rubunda kuber izontumva atakindi zirota atari guhungabanya umutekano wigihugu cacu C’UBURUNDI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.