Accueil > Inkino > basketball > Ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama buzoshigikira cane imirwi (...)
Ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama buzoshigikira cane imirwi itera iteka Uburundi
mercredi 3 Nyakanga 2014
Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama yarashikirijwe igikombe cazanwe n’umurwi w’Urunani ugukiye mu mahiganwa yo mu karere ka 5. Mw’ijambo ryiwe, Adolphe Rukenkanya avuga ko ubushikiranganji buzohora bushira imbere imirwi iseruka mu makungu igatsinda.
- Adolphe Rukenkanya ateruye igikombe c’Urunani
Jean Pierre Claver Baregeranye arongoye umurwi w’Urunani mu bijanye n’ubuhinga, avuga ko naho bagiye bateba bari bariteguye bihagije. Ati:" Kuva tuja muri ayo mahiganwa kandi tukanatsinda, bwari ubwa mbere turonse umwanya wo kwitegura ungana n’uwo twaronse uno mwaka". Arongera ati:" Naho mu nyuma uburyo bwabuze, twebwe kubitwerekeye twari twiteguye". Arashimira umukuru w’igihugu yaciye akora uko ashoboye uwo murwi ukaronswa uburyo bwokwitaba izo nkino. Pierre Claver ahejeje gushikriza igikombe umushikiranganji yaciye amwereka abakinyi baraho n’abashoboye kuronka imidari.
- Pierre Claver arongoye ivy’ubuhinga mu murwi w’Urunani
Adolphe Rukenkanya aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama ahejeje kwakira igikombe, yarashimiye cane abarongoye umurwi w’Urunani, yarashimiye abakinyi n’abakunzi b’umurwi. Yarashimiye n’umukuru w’igihugu. Yaciye asaba imirwi ihora isohoka igiye guserukira Uburundi mu makungu ko bohora bagira nk’Urunani bakerekana ko abarundi bashoboye. Avuga kandi ko ubushikiranganji buzohora bwitaho cane cane imirwi iserukira igihugu igatsinda canke ikazana ibibanza vyiza. Yarakeje cane abakinyi bari bitavye amahiganwa mpuzamakungu yabereye i Najing aho umunonotsi Thierry yaronse ikibanza ca kabiri. Ikibanza Uburundi bwari bumaze imyaka n’imyaka butaronka.
Ivyo birori vyabaye kw’igenekerezo rya 02 Nyakanga ku kibuga c’ubushikiranganji. amajambo aheze umurwi w’Urunani n’abakunzi babo bari kumwe n’umushikiranganj baciye baciye igikombe mu gisagara ca bujumbura.
Cherif Nkeshimana