Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bwa kaminuza buragabisha abanyeshure bashaka guhagarika (...)
Ubushikiranganji bwa kaminuza buragabisha abanyeshure bashaka guhagarika ivyigwa
jeudi 6 Ntwarante 2014
Ubushikiranganji bw’amashure yisumbuye n’ubushakahstsi buragabisha abanyeshure biga muma kaminuza ya Reta kuvyo baheruka gushikiriza ko bariko bategura yegereyere. Ubwo bushikiranganji bubicishije ku muvugizi wabwo Venant Ndimurirwo, bumenyesha ko ingingo zizofatwa, mbere n’abahanwa bahanwe mu gihe bohirahira bagakora iyo yegereyegere.
Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta baheruka kwandikira ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bamenyesha ko kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante bazokora yegereyegere. Ku rwandiko banditse basaba ko ingingo yo gutanga agafashanyo ku banyeshure bamwe bamwe yohagarikwa, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji ntarya umunwa, abamenyesha ko mu gihe bokora iyo yegereyegere hazoba inkwirikizi, kuko ingingo zizofatwa mbere n’abahanwa bahanwe nk’uko bitegekanywa n’amategeko.
Abo banyeshure biga muri kaminuza kuva bumva ingingo yo guhindura ingene agafashanyo gatangwa mu mashure ya kaminuza, ntiyigeze ibashimisha kuko ku bwabo ari iyo gushaka gucanishamwo abanyeshure kuko bavuga ko ata kuntu mw’ishure rimwe bamwe boronka agafashanyo abandi bakabura, mbere ntibumve ingene Reta yoshiraho umugambi wo kwiga ku buntu (scolarité gratuite), ariko iyo Reta nyene ntitegekanye aho abazoba bahejeje amashure yisumbuye bazoca baja. Kubw’abo banyeshure, muguhindura ingene agafashanyo kahora karonswa abanyeshure ba kaminuza, Reta ishaka kworohereza abana b’abakire gusa.
Twobibutsa rero ko iyo yegereyegere bariko bayitegura mu gihe ubwo bushikiranganji buherutse gukora impinduka ku vyerekeye itangwa ry’ako gafashanyo ku banyeshure biga muri kaminuza, abazoba bamenye muri uno mwaka w’ishure w’2013 ushira 2014 bazohabwa ako gafashanyo uku gukurikira. Ku banyeshure 18026 barangije amashure yisumbuye muri uno mwaka w’ishure 2013 ushira 2013, abagera ku 4495 batoye ikibazo ca Reta bafise amanota angana canke asumba 69 n’ibice 2 ni bo bazoronka ka gafashanyo kahora gatangwa na Reta. Abandi 2032 batoye ikibazo ca Reta baronse amanota ari hagati ya 69,1 na 66,5 kw’ijana bazoba bafise uburenganzira bwo kwiga muri kaminuza ya Reta yaba muri kaminuza y’Uburundi canke mw’ishure nderabigisha ENS, ariko ata gafashanyo na kamwe baronka.Abandi 2049 batoye ico kibazo muri uno mwaka w’ishure w’2012 ushira 2013, baronse amanota ari hagati ya 66,4 na 64,2 kw’ijana, bazoba bafise uburenganzira bwo kwiga muma kaminuza y’abigenga, bakazoronswa agafashanyo k’amafaranga ibihumbi amajana abiri vy’amarundi gusa yo kwiyandikisha. Vyumvikana ko amwe bahora baronka buri kwezi bitazosubira kuyaronswa. Abanyeshure bo muri kaminuza ya Reta bariyamirije iyo ngingo, ari nakwo kugabisha ko bazohagarika ku genekerezo rya 11 Ntwarante 2014.
Floxella Karire
Messages
6 Ntwarante 2014, 15:43, par sivyubu
jew numva batarira busema none wumva bazobaho gute nubuzima buzimvye?uwomushikiranganji womuhagarikirumushahara yosubira kwitwa umushikiranganji?nakure iterabwoba ntanyishu ritanga,bajinama samahera akura mumufuko wiwe nayuburundi yayasanzeho
7 Ntwarante 2014, 14:40, par Gica
Aho uwo mushikiranganji yabivuze aravye ubuzima buhari uyuimusi?nne amahera ava mumushahara wiwe?jew mbona ubwo buryo buhari bobutanga kugira urwaruka rw’Uburundi bw’ejo bwige.