Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushimwe butandukanye bwemerewe abakinyi b’Intamba mu Rugamba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Ubushimwe butandukanye bwemerewe abakinyi b’Intamba mu Rugamba

Ubushimwe butandukanye bwemerewe abakinyi b’Intamba mu Rugamba

lundi 13 Nzero 2014

Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bagiye kuri uwo w’agatanu mu gihugu ca Afrika y’epfo mu mahiganwa y’inkino za CHAN, baremerewe n’uwurongoye inkino z’umupira w’amaguru mu Burundi uburusho batari bamenyereye kuronka.

JPEG - 25.6 ko
Hon. Reverien Ndikuriyo

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwo wa gatanu igenekerezo rya 10 Nzero, Reverien Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yaratangaje uburusho butandukanye buzohabwa abakinyi. Aho ni mu ntumbero yo kubashigikira no kubatera intege.
Ubwo burusho bugabuwe uku gukwirikira :

1) Intamba mu Rugamba zironse intsinzi mu mahiganwa yo mu murwi Poule amahera y’amarundi ashika 77.000 ku mukinyi,

2) Intamba mu Rugamba zishitse mu gice ca kane c’amahiganwa, umukinyi numwe azoronswa amhera y’amarundi agera kuri 154.000,

3) Ubundi burusho buzomenyekana hanyuma.

Ubundi burusho buzotangwa n’abasanzwe bafasha inkino z’umupira w’amaguru mu Burundi buzomenyekana hanyuma kandi buratandukanye n’ubwo buzotangwa na FFB.

Tubibutseko Intamba mu Rugamba zuriye indege ku munsi wa gatanu, urukino rwa mbere ruzokinwa ejo ku munsi wa Kabiri igenekerezo rya 14 Nzero bazotana mu mitwe n’umurwi wa Gabon.

Amakuru duhabwa na Nduwarugira Christophe batazira Luco iyo ari mu gihugu ca Afrika y’epfo amenyeshako imyiteguro igenda neza ko atangorane nimwe bafise n’ikirere ni ciza.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Courage bene Wacu turabe yuko natwe Igihugu Cacu coshikira ibindi bihugu vyatey intambw kumupira wamaguru

  • courage turi inyuma yanyu benewacu.

  • Niciyumviro ciza cane nabo bazi koharikirengako kuco bari biteze canke bategerezwa kuronka,bazogira inguvu nyishi bitume batera iteka igihugu hama tumenyekane mumakungu kubera rirya higanwa rirakomeye!murakoze

  • Mukomere nanje ndaza kwishikira ku Kibuga ndabashigikire kandi na South Africa iri inyuma yanyu uno musi.Ruhuke neza irizuba ntiribakange.

  • turanezerejwe nukumva umurwi wintamb murugamba waserukiye igihugu cacu c’Uburundi mu higanwa rya shane ririko ribera mur africa yepfo ntankeka dufise turizeye ko igikombe kizotahuka muburundi.2)-twipfuza ko mwoshira ijezi z’intamba kumasoko tukazigura kugira umurwi wacu ugire agateka mugihugu cawo tureke kwambara ijezi zabandi.tubay turabashimir twizey ko tugiy kwambara ijez z’umurwi nserukir gihugu intamba murakoze.

  • turanezerejwe nukumva umurwi wintamb murugamba waserukiye igihugu cacu c’Uburundi mu higanwa rya shane ririko ribera mur africa yepfo ntankeka dufise turizeye ko igikombe kizotahuka muburundi.2)-twipfuza ko mwoshira ijezi z’intamba kumasoko tukazigura kugira umurwi wacu ugire agateka mugihugu cawo tureke kwambara ijezi zabandi.tubay turabashimir twizey ko tugiy kwambara ijez z’umurwi nserukir gihugu intamba murakoze.

  • Imana ibafashe twe tuzobasengera kugira ibintu bigende neza mugabo kandi Imana ifasha uwifashije bisaba ko namwe mushiramwo inguvu kuko ntawuza gukina atagomba gutsinda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.