Accueil > Inkino > Ubushinwa bugiye kubandanya bufasha Uburundi
Ubushinwa bugiye kubandanya bufasha Uburundi
dimanche 17 Myandagaro 2014
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari mu gihugu c’Ubushinwa, aho yatumiwe mu birori vy’ukwugurura inkino Jeux Olympiques z’urwaruka 2014.
Muri ivyo bikorwa vyatumiwemwo umukuru w’igihugu c’Uburundi, birimwo n’abandi banyacubahiro nk’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon, hamwe na Thomas Bach umuyobozi wa komite nkuru ya Olympique. Ivyo birori vyo kwugurura izo nkino vyabereye ku kibuga c’inkino ca Nanjing, bikaba vyari vyitabwe n’abantu isinzi, baje bava haba mu Bushinwa, hamwe n’ibindi bihugu bitandukanye.
Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba yaboneyeho n’akaryo ko kuyaga na mugenzi we arongoye igihugu c’Ubushinwa Xi Jinping, inyuma y’aho amwakiriye ku kirimba iwe. Mu vyo bayaze, hakaba harimwo gukomeza imigenderanire yo gufashanya. Umukuru w’igihugu c’Ubushinwa akaba yemeye ko igihugu ciwe kizoguma gifasha Uburundi mu bisata bitandukanye, ndetse no mu bijanye n’amatora yo mu mwaka w’2015. Eka n’umukuru w’Uburundi Petero Nkurunziza akaba ashima rwose imfashanyo zitangwa n’Ubushinwa mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.
Aristide Nizigire
Messages
17 Myandagaro 2014, 12:53, par SIHONDI Levis
MBAYE NKUWURIHANO AKUNDA KWIVUGIRA NGO, AMATORA AZOGENDA NEZA CANE, NGO MUKINDA MUGARAMYE, MUKINDA MWUBAMYE NGWAMATORA AZOGENDA NEZA CANE. NANJE MVUZE NTI, AMATORA AZOGENDA NEZA CANE, MBONOMPA CLAVER BAMUCIRA UWOGUHERAYO, AFIRAYO YISHWE NA DIYABETE, AMATORA AZOGENDA NEZA CANE.
17 Myandagaro 2014, 14:31, par turugwane
uko yazugurutse uburundi arimagura abantu .niho agaje kwizugurukira isi ;abashonje .;abampfa;ntimumubaze siho ari
17 Myandagaro 2014, 17:49, par UWITEKA
Hezagigwa n’IMANA nyakwubahwa president wacu.IMANA ibandanye kukutuzigamira!!.
17 Myandagaro 2014, 20:16, par AHOWADUKUYE
NYAKWUBAHWA PRESIDENT WACU PITER NKURUNZIZA KOMERA K UMUHETO.NDAKUBONA KU MAFOTO MUBUSHINWA URABEREWE CANE MUTAMA
18 Myandagaro 2014, 11:10, par mutabazi
Uyu wiyita Turwane ni umurundi w’igipfamutima. Uburundi bugize nka ba Turwane babiri bwarimbuka. Kuko uyu Turwane muzi neza i Bujumbura akaba kandi ari mayibobo wirwa usabiriza kuko yavukanye ubunebwe ndetse akaba arwaye nomumutwe.