Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Ivyahitanywe na nyamugigima biguma vyiyongora
Ubushinwa : Ivyahitanywe na nyamugigima biguma vyiyongora
lundi 22 Mukakaro 2013
Inyuma ya nyamugigima ifise uburemere bw’ibice 5,9 yabaye uno munsi kw’igenekererezo rya 22 Mukakaro 2013, isaha imwe n’iminota 45 zo mu gitondo, mu masaha saha y’ico gihugu, ku birometero 170, uvuye mu gisagara, abanyagihugu bo mu gisagara ca Dingxi, mu ntara ya Gansu kubera gutinya ivyohava bibashikira, bahisemwo guhunga ico gisagara.
Abantu bagera ku 47 nibo bahasize ubuzima, 296 barakomereka cane, ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umuhinga mu biro biraba ivyanyamugigima muri Gansu. N’ibitigiri vya nyuma vyerekanywe inyuma y’aho nyamugigima ihejeje kuba, muri iyo ntara imeze nk’ubugararwa hagati mu Bushinwa.
Kubw’amakuru atangwa ku ngurukabumenyi, iyo nyamugigima yumvikanye gushika i Lanzhou, mu gisagara ca Gansu, ariko mu duce twa Minxian na Zhangxian, ku birometero 177 mu bumanuko bushira uburengero, haharurwa ivyononekaye bitari bike.
Amasanamu yerekanwa n’umurongo ngurukanabumenyi Sina weibo, yerekanye inyubakwa zikomakomeye zibomoka mu gisagara ca Dingxi, abanyagihugu bakaba baciye bahunga kugutinya ikindi kinyamugigima cohava gisubira kuba.
Iyo nyamugigima yabaye, abaja ku buzi bwabo bamaze kubutangura, n’abari mu mirima maze gutangura umurimo wabo, ari navyo bishobora kugabanya igitigiri c’aboba bahitanywe na nyamugigima. Abanyagihugu bagera ku 440 baharuwe mu mitumba 389 yo Minxian, bamwe muribo bakaba bababaye kurusha abandi.
Kubw’ikinyamakuru ca Gansu, agace ka Taihe, niho yoba yahitanywe benshi kurusha ahandi, aho inyubakwa zitari nke zasenyutse.
Abapolisi bashika 500, bahishikiye kugira bakurikiranire hafi abaje gutabara abababaye, mu gihe imitumba itari mike i Jang, yabuze n’uwubagarukira n’umwe.
Mariella Bukuru
Messages
14 Ndamukiza 2018, 20:57, par NKURIKIYE