Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka ruhejeje Kaminuza n’amashure y’imyuga ruriko rurahabwa (...)
Urwaruka ruhejeje Kaminuza n’amashure y’imyuga ruriko rurahabwa inyigisho
lundi 10 Ruheshi 2013
Mu ntumbero yo kwongerereza ubumenyi ku rwaruka, ubushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico kama bwateguye uruganda rwo kwigisha abanyeshure bahejeje kaminuza n’amashure y’imyuga ingene botanguza imigambi yabo.
Mu Burundi haribonekeza ubushomeri ku rwaruka ruhejeje ama kaminuza n’abahejeje amashure y’imyuga. Mu vyibonekeje ahanini, n’uko iyo abo banyeshure bahejeje amashure yabo y’imyuga, ntibaronka uwubafasha kwinjira mu buzima bw’akazi, ntibamenya aho basaba akazi n’ingene bokarondera ubwabo. Ntibaronka uburyo bwo gutangura imigambi baba bafise, ku bafise uburyo nabo, ntibabona uburyo bobigenza kugira batangure. Ivyo vyose bigatuma ubushomeri bwongerekana mu gihugu.
Mu ntumbero yo kuronsa ubuzi urwo rwaruka mu kugabanya ubushomeri, ubushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico kama bwateguye uruganda rwo kwigisha urwaruka rwatowe n’umurwi w’igihugu usanzwe ukorana n’ubwo bushikiranganji n’abandi barungitswe na ABJ, ikigo gifasha urwaruka kuronka ubuzi, bose hamwe bakaba bashika kuri 30, kugira baserukire abandi mu kuronswa inyigisho zizobafasha gutanguza imigambi yabo hama nabo baze bigishe abandi.
Ku bibaza ko izo nyigisho zoba zugururiwe gusa urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura, Sylvere Nshagirije, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico kama yamenyesheje ko n’urwaruka rwo hagati mu gihugu rutibagiwe.
Ubushikiranganji buriko buriga ukungene boronswa izo nyigisho kugira nabo nyene biyungunganye batarinze kwitega ibivuye muri Leta.
Mwomenya ko urwo ruganda rw’inyigisho ruriko ruratangwa kuri urwo rwaruka ruhejeje kaminuza n’amashure y’imyuga rwatanguye uno munsi kuwa mbere igenekerezo rya 10 Ruheshi rukaba ruzoshika ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2013, aho mbere hazotangwa n’impapuro ku bakurikiranye inyigisho.
Mariella Bukuru