IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubusuma bwo mu mazu no mu mirima buguma bwiyongera

Ubusuma bwo mu mazu no mu mirima buguma bwiyongera

vendredi 11 Nzero 2013

Mugihe ubusuma bubandanya kwiyongera mu bice bitari bike vy’igihugu mbere no mu biro bimwe bimwe muri ino minsi, umuvugizi w’igipolisi Eliya Bizindavyi amenyesha ko igipolisi kiriko gikora ibishoboka vyose kugira ngo izo nkozi z’ikibi zifatwe zongere zihanwe.

Umuvugizi w’igipolisi Eliya Bizindavyi yamenyesheje ko igipolisi kitazokwihanganira abasuma n’abagizi ba nabi kandi ko bariko barabakurikirana .Ariko rero umuvugizi w’igipolisi asaba abanyagihugu gukorana n’inzego z’umutekano kugira bashobore gutuza izo nkozi z’ikibi.

Ku kibazo c’abanyororo baheruka kurekugwa kandi bafashwe bagirizwa ivyaha bijanye n’ubusuma , umuvugizi w’igipolisi yishuye ko uwuzosubira mubikorwa bigayitse nk’ivyo batazotinya ku musubiza mu nvuto.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.