Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubutariyano : Itanga imihoho rya Calderoli riri kure nk’ukwezi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubutariyano : Itanga imihoho rya Calderoli riri kure nk’ukwezi

Ubutariyano : Itanga imihoho rya Calderoli riri kure nk’ukwezi

mardi 16 Mukakaro 2013

Roberto Calderoli, icegera c’umukuru w’inama nkenguzamateka mu Butariyano, aremera ko ivyo yavuze bitari bikwiye, kandi ari bibi ku mushikiranganji wo mu gihugu c’Ubutariyano, ariko afise amamuko mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Ariko aremeza ko imigambwe myinshi iri mu nama nshingamteka itigeze imusaba gutanga imihoho, ivyo rero Roberto Calderoli akaba avuga ko azoguma mu nama nkenguzamateka gushika ikiringo ciwe kirangire. Umushikiranganji Cecile Kyenge yavuze ko ataco avuga ku vyerekeye namba Carderoli yotanga imihoho canke yoguma mu mabanga yiwe, ariko uyo mushikiranganji, akaba atigeze yakira neza ivyo ico cegera c’umukuru w’inama nkenguzamateka yari yavuze.

Ariko umupfasoni Kyenge avuga ko umugambwe wa Calderoli, the Northen League, ukwiye kwihweza ico kibazo, kuko yahatswe gukwega induru mu gihugu, eka ndetse ico kibazo kikaba catumye n’amakungu yibaza namba ico gihugu c’Ubutariyano coba kikiri inyuma mu bijanye n’ukurwanya amacakubiri afatiye ku rukoba canke amacakubiri afatiye ku ntara.

Abegereye umushikiranganji wa mbere Enrico Letta baravuga ko adafata ico kibazo nk’icarangiye. Abakurikiranira ibintu hagufi muri ico gihugu, bavuga ko impera ni imperuka icegera c’umukuru w’inama nkenguzamateka abwirijwe kuzisigura imbere y’abanyagihugu ku vyo yavuze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.