Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Prophet’s Voice yatanze ubutumwa mu ndirimbo "NTAWUHORA KU NGOMA" hamwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Prophet’s Voice > Prophet’s Voice yatanze ubutumwa mu ndirimbo "NTAWUHORA KU NGOMA" hamwe na (...)

Prophet’s Voice yatanze ubutumwa mu ndirimbo "NTAWUHORA KU NGOMA" hamwe na "INGUVU NKE ZAWE"

lundi 16 Ntwarante 2015

Umurwi w’abaririmvyi ba Raggae "Prophet’s Voice" basohoye indirimbo zibiri zivuga ibijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, urundi ruvunira urugohe abarwanya ivyiyumviro vy’imvugakuri.

Mu kiganiro Steve Kezamutima yahaye IGIHE, avugako basohoye indirimbo zijanye n’ibihe igihugu kirimwo. Ururirimbo rwa mbere barwise "NTAWUHORA KU NGOMA". Nk’uko uwo muririmvyi abitubwira, urwo ruvuga cane cane ibijanye n’ikiringo ca 3 c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Abo baririmvyi bati : "Ntawuhura ku ngoma". Baririmba bafatiye ku mwami HERODI avugwa muri Bibiliya yanka kuva ku butegetsi maze agahitamwo kwica abana bose b’abahungu bohava bamusubirira. Ijwi ry’ Intumwa 12 zo muri Prophet’s Voice) bati : "Umuntu wese afise ivyiyumviro nka HERODI yihora ubusa, azokugwa ku butegetsi nk’uko na HERODI yakuwe ku ngoma".

Urundi ruririmbo rwasohowe na Prophet’s Voice ni "Inguvu nke zawe". Nk’uko Steve abivuga, ubutumwa buri muri urwo ruririmbo ni ubw’abategetsi barwanya ibivugwa n’abantu b’imvugakuri, ubutegetsi bwica amatwi. Prophet’s Voice bakebura abategetsi bavuga ko umuntu ahanurwa n’uwumukunda. Ubutegetsi butumviriza impanuro z’abandi ni ubutegetsi bufise inguvu nke. Bati : "Umukuru kizira kumutuka ntikizira kumubwira ukuri".

Tubibutse ko umurwi wa Prophet’s Voice ugiye gukwiza imyaka 15 utanga ubutumwa mu mudiho wa Raggae. Bamaze gusohora inkurikirane zitatu (3 Albums), zisohoka buri myaka 2 : mu mwaka w’2010 hasohotse : URUGAMBA, 2012 : NTA MVURA IDAHITA, 2014 : IKEBUKE. Bashobora gusohora urundi rukurikirane mu gihe bazoba bariko bahimbaza imyaka 15 umurwi umaze, n’igihe co kwibuka umuhisi BOB Marley.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Turashoboravkuronka amajwi yizo ndirimbo?mutaragera kurushira ku mugaragaro mushobora kururungika kuri whatsapp yanje numero 61469327246

  • pls ndabasabe mwoba mukoje mwondungikira izondirimbo zibiri kuri whatapp yanje mwoba mukoje ni 263783951277 muzoba mukoje

  • Andika msg kuri whatsapp 257 79942 993, nca ndazikurungikira

  • Ndabakebure hakiri kare mube mwahejeje gutekera utwanyu,kuko ivyo bavyita gutyozanya ,munyegere vuba batarabata munvuto nako batarabakerera.Nimugira Imana murarusimba (urupfu) nka Mkombozi yaragiye kuzira ko yavyaye Ubushuri.

  • jew nagira shimire abo baririvyi kuko harya iyo message batanz nibaza kwari gukebura aba batware bacu bagomba kugira igihugu nk’itongo rya se naba sekuruza.ndabasavy bakomeze.ndangij mbabwira courag.
    mubishoboye naj mwayindungikira kuri whatsapp numro ni 79452079.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.